Imigani26
1Nk’uko shelegi itabereye kugwa mu ci canke imvura mw’iyimbura,ni ko icubahiro kidakwiye igipfu.2Nk’uko intamba iguruka kandi nk’uko inyamanza iguruka,ni ko umuvumo uvumiwe ubusa umera.3Nk’uko ikimoko kibereye ifarasi, n’umujiginya ukabera indogoba,ni ko umugongo w’igipfu ubereye inkoni.4Ntugasubize igipfu ibihwanye n’ubupfu bwaco,ahandi ho uzoba ubaye nka co.5Ariko uze wishure igipfu ibigaragaza ubupfu bwaco,kugira ngo nticigire umunyabwenge.6Kurungikana ubutumwa igipfuni nko kwica ukuguru canke kunywa uburozi.7Amajambo y’ubwenge mu kanwa k’igipfu,ni nk’ukuguru kuvunitse gusigaye kurereta ata co kumaze.8Guha icubahiro igipfuni nko kubohera ibuye ku mugozi9Umugani uciwe n’igipfuumeze nk’ihwa rihanda mu kigaza c’imborerwa.10Uwuha akazi igipfu canke uwuhita weseameze nk’uwupfa kurasa mu bantu.11Nk’uko imbwa isubira ku vyo yadashwe,ni ko igipfu gisubiramwo ubupfu bwaco.12Igipfu gifise amahirwekurusha uwibaza ko ari umunyabwenge kandi atari we.13Umunyabute avuga ati: “Hari intare mu nzira,intare y’inkazi iriko iratontoma mu nzira!”14Nk’uko urugi rwizungurutsa ku mapata yarwoni ko umunebwe yihindukiza ku buriri bwiwe.15Umunebwe atwara ukuboko mw’isahani,ariko akananirwa no kukugarukana ku munwa.16Umunyabute yibwira ko ari umunyabwengekurusha abantu indwi bashobora kwishurana ubwenge.17Umuntu ari ku nzira arengana akisuka mu bihari bitamwerekeyeameze nk’umuntu afashe imbwa amatwi.18Umuntu abesha mugenziwe,agaca yivugira ati: “Nariko ndatebura,”19ameze nk’uwurasa ibishiriracanke imyampi yica mu bantu.20Nk’uko iyo inkwi ziheze, umuriro uzima,ni ko n’iyo ata rusaku ruhari ibihari bihera.21Nk’uko urubeya rufatisha amakara canke inkwi,ni ko uwukunda gutongana atangura ibihari.22Amajambo y’urusaku ameze nk’ivyokurya biryoshe;aramanuka agashika i bwina mu mutima w’umuntu.23Amajambo meza ava mu mutima mubiameze nk’umuringa w’ifeza ushizwe ku nkono y’ibumba.24Umwankanyi yihisha inyuma y’amajambo yiwe aryoshe,ariko umutima wiwe urimwo inama z’ubuhemu.25Naho amajambo yiwe aryohera amatwi, ntukamwizere;umutima wiwe wuzuye ubuyobe.26Naho yogenda arabesha ahisha uburyarya bwiwe,ibikorwa bibi vyiwe bizoja ku mugaragaro.27Uwimbira ikinogo uwundi ni we azokigwamwo;kandi uwuzotembagariza ikibuye ku wundi,ni we kizofyonyora.28Ururimi rubesha rwanka abo rubabaza,kandi akanwa kavuga ibinyomya karasenyura.
Biblica, Inc.