Imigani25

1Iyi ni iyindi migani ya Salomo, yegeranijwe n’umujenama w’umwami Hezekiya, umwami w’i Buyuda:2Icubahiro c’Imana ni uguhisha ibintu,ariko icubahiro c’abami ni ukubihishura.3Nk’uko ijuru riri hejuru cane, n’i kuzimu hakaba harehare,ni ko umutima w’umwami ata wumenya ibiwurimwo.
4Tyorora ifeza,izohinduka igikoresho c’umucuzi.5Kura umubi imbere y’umwami,inganji yiwe izokomezwa n’ubugororotsi.
6Ntukishire hejuru imbere y’umwami,kandi ntugasabe icicaro mu bahambaye.7Ni vyiza kurindira bakakubwira bati:“Shika hano imbere” aho kwirukanwa kure umaramara imbere y’abubahwa.Ivyo ni vyo umaze kwibonera.8Ntukihute kwitwarira umubanyi mu bucamanza,kuko agutsinze womaramara,ukabura uko ubigenza.
9Nihagira ico mupfa n’umubanyi wawe,ntuzobifatireko ngo umene ibanga uwundi muntu yakubwiye,10abandi bohava bavyumva bakakwagiriza urusaku,ukaba wambaye iceyi utazikurako.
11Ijambo rivuzwe mu gihe caryo ni ryiza;rimeze nk’icamwa c’inzahabu mu nkoko y’ifeza.12Ku wufise ugutwi kwumva, impanuro y’umunyabwengeimeze nk’ihereni ry’inzahabu,canke urugori rw’inzahabu nziza.
13Nk’uko amazi akanye amerera isi mu bushuhe bwo mu ci,ni ko intumwa y’umwizigirwa imerera uwayitumye.Isubiza itoto umutima wa shebuja.14Uwusezerana gutanga ingabire ariko ntashitse,ameze nk’ibicu n’umuyaga bitazana imvura.
15Ukwihangana bigondoza umutware,kandi ururimi rwiyoroheje rushobora kuvuna igufa.
16Niwaronka ubuki, uzorye ubugereranye,kuko niwarya bwinshi cane uzobudahwa.17Ntukamize ikirenge mu rugo rw’umubanyi,kugira ngo ntibazoguharuruke, bakakwanka.
18Umuntu arementaniriza ibinyoma umubanyi wiweameze nk’ishoka, inkota canke umwampi usongoye.19Gushira ivyizigiro ku muhemu mu gihe c’ivyago,ni nko guhekenyesha iryinyo ricitse,canke kugendesha ukuguru kuvunitse.20Uwuririmbira uwufise umutima ubabayeameze nk’uwiyambura impuzu mu gihe c’imbeho,canke uwusuka inkarisha mu gikomere.
21Umwansi wawe niyasonza, uramugaburira;niyanyoterwa umuhe ico kunywa.22Uzoba umusutse amakara yaka ku mutwe,kandi Uhoraho azobiguhera impera.
23Nk’uko umuyaga uturuka mu buraruko uzana imvura,ni ko ururimi ruvuga urusaku rutera kwiraburanirwa.
24Wopfuma wibana mu mfuruka y’igisenge c’inzu,hako ubana mu nzu nziza n’umugore w’intonganya.
25Nk’uko amazi apfutse amerera umuntu anyotewe,ni ko inkuru nziza ivuye kure imera.26Umugororotsi ahendwa n’umunyakibi akifatanya na weaba ameze nk’iriba ritobwe canke ryuzuyemwo isuri.
27Si vyiza kurya ubuki bwinshikandi si vyiza ko umunyacubahiro arondera ko bakimuha.
28Umuntu adashobora kwirinda ishavuameze nk’igisagara gifise inzitiro zasenyutse.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e