Imigani24
Umugani wa 20
1Ntukipfuze kuba nk’ababi,ntukipfuze kuba mu mugwi wabo,2kuko imitima yabo yiyumvira kugira nabi,kandi iminwa yabo ivuga ivyo gutera imivurungano.Umugani wa 21
3Ubwenge ni bwo butuma inzu yubakwa,kandi ugutahura ni kwo kuyikomeza.4Ugutahura ni kwo gutuma ivyumba vyayovyuzura ubutunzi bwiza bw’igiciro.Umugani wa 22
5Umunyabwenge agira ubushobozi bwinshi,kandi uwutahura agwiza inkomezi.6None rero ntuzoje mu ntambara utabanje kugirwa inama z’ubwenge;kuko intsinzi iva ku bajenama benshi.Umugani wa 23
7Ubwenge buri aho igipfu kidahamvya;iyo kiri mw’ikoraniro ku nama ntikironka ico kivuga.Umugani wa 24
8Uwigira inama yo gukora ikibiyitwa umugizi wa nabi.9Imigambi y’ubupfu ni icaha,kandi umucokoranyi yankwa n’abantu.Umugani wa 25
10Niwiyonjorora rukamvye,uzoba wari ufise inkomezi nke.11Urokore abatwawe kwicwa kubera akarenganyo,abajugumizwa n’uko bagira bicwe ntuzobirengagize.12Niwavuga uti: “Ariko ntitwabimenye,”mbega uwusesa imitima ntazoba abibona?Uwuzigama ubugingo bwawe arazi ko wari ubizi.Ni we azoha impera umuntu wese,ikwiranye n’ibikorwa yakoze.Umugani wa 26
13Mwana wanje, uzoje urarya ubuki, kuko ni bwiza.Ubuki buvuye mu kimamara burasosa ku rurimi.14Ariko kandi umenye ko ubwenge na bwo busosera umushaha.Niwaburonka, uzogira ivyizigiro vya kazoza keza,kandi ivyo vyizigiro ntibizogutetereza.Umugani wa 27
15Ntuzokwibunde inyuma y’inzu y’umugororotsi ugomba kumugirira nabi,kandi ntugasahure ivy’aho aba.16Kuko umugororotsi naho yogwa incuro indwi azosubira ahaguruke.Ariko abanyavyaha bazogwishwa n’amakuba.Umugani wa 28
17Ntuze unezerwe umwansi wawe niyagwa,kandi niyatsitara umutima wawe ntuze unezerwe.18Kuko vyohava bibabaza Uhoraho,bigatuma amukurako uburake bwiwe.Umugani wa 29
19Ntugashavurire inkozi y’ikibi,kandi ntugashake kuba nk’umubi.20Kuko inkozi z’ibibi ntizigira ivyizigiro vya kazoza,kandi itara ry’umubi rizozimwa.Umugani wa 30
21Mwana wanje, wubahe Uhoraho, wongere wubahe umwami,kandi ntukifatanye n’abagarariji,22kuko abo bompi bazomuteza ivyago ningoga.Kandi mbega ni nde yoshobora kumenya ivyago bazomuteza ingene bingana?23Iyi ni iyindi migani y’abanyabwenge:Guhengama mu rubanza ni bibi:24Umucamanza abwira umubi ati: “Urera,” azovumwa n’abantu,kandi amahanga azomurakira.25Ariko uwuhana uwakoze icaha azoba agize neza,kandi imigisha myinshi izomuzako.26Inyishu igororotseimeze nk’ugusomana kw’abakundana.27Banza uringanize neza ivyo hanze,utegure imirima yawe,hanyuma ubone kwubaka inzu yawe.28Ntukaburanye umubanyi wawe ata mvo,kandi ntukamubeshere.29Kandi Ntukavuge uti: “Reka ndamwishure ivyo yankoreye,ndamusubirize mu nkoko ibihwanye n’ivyo yakoze.”30Umusi umwe naciye mu murima w’umunebwe,nca no mu ruzabibu rw’umuntu w’imburabwenge;31nsanga ahantu hose hameze amahwa,urwiri rwameze hose,inzitiro z’amabuye zarahenaguritse.32Maze niyumvira ku vyo mbonye,na vyo bimpa icigwa:33Niwavuga uti: “Hinge nisinzirire gatoya, mpungure gakeya,nigorore gatoya, mpfunye amaboko,”34ubukene buzoguhwikira nk’igisuma,ubworo bugutere nk’umwambuzi.Biblica, Inc.