Imigani23
Umugani wa 7
1Niwasangira n’umutware,uzoshire umutima ku bishizwe imbere yawe.2Niwaba wari usanzwe urya cane,ugerageze ugabanye.3Ntukipfuze ivyokurya vyiwe biryoshe,kuko ivyo vyokurya birahenda.Umugani wa 8
4Ntukarushwe no kwiruka inyuma y’ubutunzi,ariko ugire ubwenge bwo kwihangana.5Ubutunzi uba ukibukubise ijishobukaba bwagurutse,kuko bumera amababa bukaguruka nk’inkukuma.Umugani wa 9
6Ntukarye ivyokurya vy’uwufise ijisho ribi,canke ngo wipfuze ivyokurya biryoshe vyiwe;7aguma aharura igiciro cavyo,aranakubwira ati: “Fungura, nunywe!”Ariko ntibiba bivuye ku mutima.8Utwo watamiye uzotudahwa,kandi amajambo yawe yo kumushimira azoba yapfuye ubusa.Umugani wa 10
9Ntukaganirize igipfu,kuko kizogaya ubwenge buri mu majambo yawe.Umugani wa 11
10Ntukunguruze akarimbikandi ntukarenganye impfuvyi,11kuko Umucunguzi wabo ari uwuhambaye;ni we ubwiwe azobaburanira.Umugani wa 12
12Ushire umutima wawe ku kwigishwa,wongere utege amatwi amajambo y’ubumenyi.Umugani wa 13
13Ntubure guhana umwana wawe;niwamukubita inkoni ntazopfa.14Umuhanishe inkoni,uzoba umurinze ubupfu bw’umushaha.Umugani wa 14
15Mwana wanje, niwagira ubwenge bwo mu mutima,umutima wanje uzohimbarwa.16Ibingize vyose bizonezerwaakanwa kawe nikavuga ibituganye.Umugani wa 15
17Ntuze wemerere umutima wawe kwipfuza ivy’abanyavyaha,ariko wame uhahamiye kwubaha Uhoraho.18Ni ho uzogira ivyizigiro vya kazoza,kandi ivyo vyizigiro ntibitetereza.Umugani wa 16
19Ntega amatwi Mwana wanje, kandi ugire ubwenge,uzigamire umutima wawe mu nzira igororotse.20Ntukifatanye n’imborerwa,canke ngo usangire n’abakunzi b’inda,21kuko bariko baja mu bukene,kandi itiro ryinshi rizobambika imishambara.Umugani wa 17
22Umvira so wawe, we yakuvyaye,kandi ntugaye nyoko mu myaka yiwe y’ubusaza.23Wigurire ukuri, kandi ntuzokugurishe.Uronke ubwenge, indero nziza hamwe n’ugutahura.24Se w’intungane agira umunezero mwinshi,kandi uwufise umwana w’umunyabwenge aramuhimbarirwa.25None rero uzohimbare so na nyoko!Nyoko yakuvyaye umutere umunezero.Umugani wa 18
26Mwana wanje, numpe umutima wawe,kandi amaso yawe uyagumize ku nzira zanje.27Kuko umusambanyikazi ni icobo kirekire,kandi umugore w’icigenze ni ikinogo caga.28Yibundira abantu nk’umwambuzi,agatuma abagabo b’ibihemu bagwira.Umugani wa 19
29Ni nde abonye ibara?Ni nde afise umubabaro?Ni nde afise amahane?Ni nde afise imyidogo?Ni nde afise inguma zatari zikenewe?Ni nde afise ijisho ritukurije?30Ni abama mu bunywero,bama bahonja ku nzoga nshasha.31Ntukihweze inzoga itukurije,ibiragira mu kirahuri,ikimiminura!32Amaherezo yayo ikomorana nk’inzoka,ubumara bwayo ni nk’ubw’inkoma.33Amaso yawe azoraba ntabibone neza,n’ubwenge bwawe buziyumvira ibitaroranye.34Uzomera nk’uwuryamye hagati mu kiyaga,canke uwuryamye ku mutwe w’inyuma w’ubwato.35Uzovuga uti: “Bankubise ariko sinababaye.Bampotaguye ariko nta na kimwe numva.Mbega nza kuvyuka ryaringo nsubire nsome rimwe?”Biblica, Inc.