Imigani22

1Kuvugwa neza biruta kugira ubutunzi bwinshi,kandi kwemerwa kurusha agaciro ifeza n’inzahabu.
2Umukire n’umworo bafise ico basangiye:Uhoraho ni we muremyi wabo bompi.
3Umunyamakenga yama abona icago kitaramushikira akacikinga,ariko igipfu gipfa kugenda,hanyuma kikisanga mu kaga.
4Ukwicisha bugufi n’ukwubaha Uhorahobizana ubutunzi n’ukuramba.
5Inzira y’umunyakibi irimwo amahwa n’imitego,ariko uwurinda umutima wiwe abica kure.
6Umenyereze umwana guca mu nzira ibereye,niyakura ntazoyivamwo.
7Umutunzi ategeka umukene,kandi uwusavye ingurane aba umuja w’uwumuguranye.
8Uwubiba kugira nabi azimbura imibabaro,kandi inkoni y’uburake bwiwe izovunagurwa.
9Uwutanga arahezagirwa,kuko asangira ivyiwe n’umukene.
10Irukana umucokoranyi, maze abanyabihari bajane na we,ni ho imivurungano no gutukana bizovaho.
11Uwukunda kugira umutima utanduye akavugana imbabaziabami bazoba abagenzi biwe.
12Inyonga z’Uhoraho zirinda abafise ubwenge,ariko imigambi y’abanyakibi arayisibanganya.
13Umunyabute avuga ati: “Hari intare hanze,ninasohoka iranyica!”
14Akanwa k’umugore asambana ni icobo kirekire,abashavuza Uhoraho bazokigwamwo.
15Ubupfu bwuzuye mu mutima w’umwana,ariko inkoni yo guhana izobumukuramwo.
16Uwucinyiza umukene kugira ngo agwize ubutunzi bwiwe,hamwe n’uwuha ingabire umutunzi bompi bazogwa mu bukene.

Umugani wa 1

17Tega amatwi wumve amajambo y’umunyabwenge;ushire umutima ku vyo ndakwigisha.18Kuko ari vyiza kuzigama iyi migani mu mutima wawe,kandi wame uyifise mu kanwa kawe.19Ndakwigishije uwu musi, koko ndakwigishije,kugira ngo ushire ivyizigiro vyawe k’Uhoraho.20Nakwandikiye imigani mirongo itatu,imigani yuzuye impanuro n’ubwenge;21ni ho uzomenya amajambo y’ukuri,maze usubirane inyuma ayo majamboku bakurungitse.

Umugani wa 2

22Ntukanyage umukene kuko ari umukene,kandi ntukarenganye umworo mu rubanza.23Kuko Uhoraho azobaburanira,anyage ababanyaze.

Umugani wa 3

24Ntukagiriranire ubugenzi n’umuntu yihuta kuraka,kandi ntukifatanye n’uwurakishwa n’ubusa,25ahandi ho wohava umera nka bo,ubuzima bwawe ukabuta mu mutego.

Umugani wa 4

26Ntukishinge uwundi mu myenda yiwecanke ngo wiyemeze ko uzomwishurira,27kuko nutashobora kurihan’uburiri uryamako bazobugukurako.

Umugani wa 5

28Ntuzokwunguruze akarimbikashinzwe na ba sogokuruza.

Umugani wa 6

29Hari abantu b’abanyamwete mu vyo bakora urabona?Abo bazokorera imbere y’abamintibazokorera abasanzwe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e