Imigani21
1Umutima w’umwami ni nk’umugende mu minwe y’Uhoraho;awurongorera iyo ashatse.2Umuntu yama yibwira ko ingeso ziwe ari nziza,ariko Uhoraho ni we asesa imitima.3Gukora ibigororotse n’ibibereyeni vyo vyemerwa n’Uhoraho gusumba ibimazi.4Amaso y’ubwishime n’umutima w’ubwibone ni vyo tara ry’abanyakibi,kandi vyose ni ivyaha.5Imigambi y’umunyamwete imushikana ku nyungu,nk’uko uwihutira guca mu nzira za hafi arangiriza mu bukene.6Ubutunzi umuntu aronkesheje akarimi kabeshani umwotsi utumuka, ni umutego wica.7Indyane z’abanyakibi zizobahitana,kuko banka gukora ibitunganye.8Inzira z’abagirizwa ivyaha ziragoramanze,ariko ingeso z’abagororotsi ziratunganye.9Wopfuma wibana mu mfuruka y’igisenge c’inzu,hako ubana mu nzu nziza n’umugore w’intonganya.10Umunyakibi yama yipfuza ikibi,kandi ababanyi biwe nta mpuhwe abagirira.11Iyo umucokoranyi ahanywe, ibijuju bica bica ubwenge;iyo umunyabwenge yigishijwe na ho, aronka ubumenyi.12Uwera yamiza ijisho ku nzu y’umunyakibi,kandi ni na we amutera ivyago.13Umuntu niyica amatwi hari umukene amuririra,hazogera igihe na we arire abure uwumwumva.14Ingabire yo mw’ibanga ihwamika uburake,kandi ingabire ihishijwe mu mutamana ihwamika ishavu ryinshi.15Urubanza ruciwe neza ruzanira umunezero umugororotsi,ariko inkozi y’ikibi ruyitera ubwoba.16Umuntu ajuragirika akava mu nzira ziroranye,azoruhukira mw’ikoraniro ry’abapfuye.17Uwukunda kwinezereza azokena;kandi uwukunda umuvinyu n’ibindi vy’agaciro ntazigera atunga.18Umunyavyaha ahanwa mu gishingo c’umugororotsi,abahemu na bo bagahanwa mu gishingo c’intungane.19Kwibera mu bugaragwa biruta kubana n’umugore atongana,yuzuye imyidodombo.20Mu nzu y’umunyabwenge habayo ubutunzi bw’agaciro n’amavuta ya elayo,ariko igipfu cimarirako ivyo gifise.21Uwukurikirana kugororoka no kugira urukundoaronka ubuzima, kugubwa neza n’icubahiro.22Umunyabwenge atera igisagara c’abanyenkomezi,agasenyagura inzitiro bari bishimiye.23Uwurinda umunwa wiwe n’ururimi rwiweaba yirinze amakuba.24Uwibona akishira hejuru bamwita “Mucokoranyi”.Agendana ubwirasi burimwo n’ubwibone.25Umunyabute yicwa no kwipfuza,kuko ata co ahereza amaboko.26Hariho abamana ukwipfuza kuronka vyinshi,ariko umugororotsi we atanga atisigariza.27Ikimazi c’umunyakibi ni igisesema,na canecane iyo gishikanywe mu ntumbero mbi.28Icabona c’ibinyoma kizopfa,kandi uwumutega amatwi wese azorandurwa ibihe vyose.29Umunyakibi yiraburanirwa mu maso,umugororotsi ariyumvira imbere yo kugira ico akora.30Nta bwenge, nta gutahura,nta n’umugambi wo kugwanya Uhoraho worama.31Ifarasi itegurirwa umusi w’intambara,ariko intsinzi ni iy’Uhoraho.
Biblica, Inc.