Imigani20
1Umuvinyu uzana ugucokorana, inzoga zigatera uruyogoyogo;uwo bihubisha inzira ntagira ubwenge.2Uburake bw’umwami ni nk’ugutontoma kw’intare;uwumushavuza aba akwegeye ubuzima bwiwe.3Uwirinda ibihari aba yihesheje icubahiro,ariko igipfu cihutira gutongana.4Umunebwe wa cane abuzwa n’imbeho kurima,ariko iyimbura rigeze, azosega abure.5Imigambi yo mu mutima w’umuntu ni nk’amazi yo mw’iriba;umutima ufise ugutahura ni wo uyiroba.6Abenshi bavuga ko ari abakunzi b’ukuri,ariko umwizigirwa w’ukuri umuntu yomukura he?7Uwubaha Imana agendera mu bwizigirwa;hahiriwe abana bazomukomokako.8Iyo umwami yicaye ku ntebe y’imanza,agosoza ijisho ryiwe ikibi n’iciza.9Ni nde yovuga ati: “Narejeje umutima wanje,narawutyoroye, nta caha mfise?”10Iminzane idakwiye n’ingero zidakwiye,Uhoraho abizinukwa vyompi.11Mbere n’umwana amenyekanira ku vyo akora,bikerekana ko azoba uwutunganye, agororotse.12Amatwi yumva n’amaso abona,vyompi ni Uhoraho yabiremye.13Ntugakunde agatiro, ahandi ho uzoba umukene;wame maso, ni ho uzogira indya mu kigega.14Umuguzi yama avuga ati: “Birazimvye, birazimvye”;ariko yarengana akishima ko asumye neza.15Hariho inzahabu n’amabuye y’agaciro menshi,ariko iminwa ivuga ivy’ubwenge ifise agaciro kurusha ivyo vyose.16Twara impuzu y’uwishinze uwo atazi,ufate ingwati y’uwishinze abahita.17Umukate wibwe urasosa,ariko mu nyuma uhinduka nk’umusenyi mu kanwa.18Uzosabe impanuro niwagira umugambi,kandi niwaja mu ntambara ube ufise impanuro z’ubwenge.19Imvuzi igenda iramena ibanga;uze wirinde kwifatanya n’uwitoraguza.20Uwuvuma se na nyinaitara ryiwe rizozimirizwa mu mwijima w’umuzitanya.21Iragi umuntu aronse vuba na vubaiherezo ryaryo ntiribamwo umugisha.22Ntuzovuge uti: “Nzokwihora ikibi nagiriwe!”Rorera Uhoraho, na we azoguhora.23Uhoraho azinukwa iminzane iziritse,kandi iminzane iziritse ni igisesema kuri we.24Intambuko z’umuntu zirongorwa n’Uhoraho.Mbega none umuntu yotahura inzira yiwe gute?25Kwihutira gusezeranira Imana bita mu mutego,kuko amara kurahira hanyuma akicuza.26Umwami w’ubwenge asekura abanyakibi nk’uwusekura ingano,akabagosoza urutaro.27Itara ry’Uhoraho rimurika mu mutima w’umuntu,rigasesa ivyinyegeje muri wo.28Urukundo n’ubwizigirwa ni vyo biha umwami kuba amahoro,kandi mu rukundo ni ho inganji yiwe ikomerera.29Icubahiro c’umusore ni inkomezi ziwe,imvi na zo ni ryo teka ry’umutama.30Ibikomere n’inguma bikuraho ikibi,kandi gukubitwa bigorora ingeso.
Biblica, Inc.