Imigani1

1Iyi ni imigani ya Salomo, mwene Dawidi, umwami wa Isirayeli.2Intumbero y’iyi migani ni ukwigisha abantu ubwenge no kubatoza indero,no kubafasha gutahura amajambo y’ubwenge.3Yigisha abantu kugira ubwenge bwo kuroranya ibintu mu buzima,bagakora ibigororotse, ibitunganye n’ibibereye.4Iyo migani yigisha ubwenge abazi bike,abakiri bato ikabaha ubumenyi bwo guserangura.5Umunyabwenge niyumve iyi migani, yongereze ubumenyi,uwufise ubuseranguzi aronke ukurongorwa,6kugira ngo atahure iyi myibutsa n’iyi migani,amajambo y’abanyabwenge n’amabanga yayo.
7Ukwubaha Uhoraho ni kwo tanguriro ry’ubwenge,ariko ibipfu bikengera ubwenge n’ugutozwa indero.

Wirinde uguhamagara kw’umunyavyaha

8Mwana wanje, wumvire ico so akubwira,kandi ntukanke ico nyoko akwigisha.9Bizokubera urugori rw’ubuntu ku mutwe,n’umugufu ushariza izosi.
10Mwana wanje, abanyavyaha nibakwosha,ntukabumvire.11Nibakubwira bati: “Ingo tujane;tuje gusesa amaraso,dutege umutego abatagira icaha;12ingo tubamire ari bazima, nk’uko imva imira abantu,tubamire bose nk’abaja muri rwa rwobo rw’urupfu;13ni ho tuzoronka ivyiza vyinshi,amazu yacu tuyuzuze ivyo tunyaze;14ingo nawe uzoronka umugabane wawe,tuzogabura ivyo tuzoronka vyose.”15Mwana wanje, ntuze wifatanye na bo,ntuze utumbereze ibirenge vyawe mu nzira zabo;16kuko birukira gukora ivyaha,bakihutira gusesa amaraso.17Gutega umutego inyoni zikubonani ukwiruhiriza ubusa.18Abo bantu bazohitanwa n’umutego bateze;bicwe n’ivyo bateze abandi.19Iryo ni ryo herezo ry’abirukira inyungu mbi,izo nyungu mbi ni zo zihitana ubuzima bwabo.

Uguhanura kwa Bwenge

20Bwenge asemerera ari mu nzira,akaduza ijwi mu bibanza abantu bakoraniramwo.21Asemerera ari mu mayirabiri yuzuye urwamo,akavugira amajambo yiwe ku marembo y’igisagara ati:
22“Yemwe banyabwengebuke mwe; muzogeza ryari kudakunda ubwenge?Namwe bacokoranyi, muzogeza ryari kunezerererwa ubucokoranyi?Namwe bipfu, muzogeza ryari kwanka ubumenyi?23Nimuze mwumvirize ukwihaniza kwanje,ndababwire ikiri ku mutima wanje,maze ntume muba abanyabwenge.24Ariko narabahamagaye muranka,ndabatega ibiganza ariko ntihagira n’umwe avyitaho.25Mwirengagije impanuro zanje,ntimwemera ukugabisha kwanje.26Nanje nzobatwenga nimwagwa mu vyago;nzokwitwengera nimwashikirwa n’amakuba,27ubwoba nibwabazako nk’igihuhusi,amakuba akabagwako kurya kw’agashururu,imibabaro n’agahinda bikabahwikira.
28Maze abo bazompamagara ariko sinzobitaba;bazondonderana umwete ariko ntibazombona,29kuko banse ubumenyi,ntibahitamwo kwubaha Uhoraho.30Ko banse impanuro zanje,bakagaya ukugabisha kwanje,31bazorya ivyamwa vy’ingeso zabo,bahazwe n’ivyamwa vy’inama zabo.32Kuko ubunebwe bw’abanebwe ni bwo bubica,kandi ukuba sindabibazwa kw’ibipfu ni kwo kubirandura.33Ariko abanyumvira bose bazobaho amahoro,bagubwe neza, ata cago batinya.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e