Imigani16

1Umuntu agira imigabo mu mutima,ariko Uhoraho ni we atanga inyishu ibereye.
2Ingeso z’umuntu wese zimubera nk’izitunganye,ariko Uhoraho ni we asuzuma umutima wiwe.
3Uze wegurire Uhoraho ivyo ukora vyose,ni ho ivyawe bizogenda neza.
4Uhoraho yashizeho ikintu cose afise intumbero.N’umunyakibi yamushiriyeho umusi wo kurandurwa.
5Uhoraho yanka abishira hejuru;ni ukuri ntibazobura guhanwa.
6Ahari urukundo n’ubwizigirwa, icaha kiraharirwa.Ariko iyo hari ukwubaha Uhoraho, abantu birinda ikibi.
7Iyo Uhoraho anezererewe inzira z’umuntu,amuha no kubana neza n’abansi biwe.
8Kugira bike biciye mu bugororotsibiruta kugira ubutunzi buciye mu karenganyo.
9Umuntu aragira imigabo mu mutima wiwe,ariko Uhoraho ni we ashiraho intambuko ziwe.
10Akanwa k’umwami kavugana ububasha;ni co gituma adakwiye kugira uwo arenganya.
11Iminzane itaziritse iva k’Uhoraho;amabuye y’umunzane yose ni we ayakora.
12Umwami yanka uwukora ibibi,kuko inganji yiwe yubakirwa ku kugororoka.
13Abami banezerererwa iminwa ivuga ukuri;baha agaciro umuntu atabesha.
14Uburake bw’umwami ni intumwa y’urupfu,ariko umunyabwenge arabuhwamika.
15Mu maso h’umwami hakeye, hazana ubuzima;ubuntu bwiwe bumera nk’igicu co ku mutasuro.
16Guhitamwo ubwenge biruta guhitamwo inzahabu,kandi guhitamwo ugutahura kuruta ifeza.
17Inzira z’umugororotsi zizira ikibi,kandi uwurinda inzira ziwe arinda ubuzima bwiwe.
18Ubwibone buherekezwa n’ukurandurwa,ukwishira hejuru na kwo kuza imbere yo kugwa.
19Guca bugufi ukabana n’abakenebiruta gusangira iminyago n’abishira hejuru.
20Uwumvira impanuro aratunganirwa,kandi hahiriwe uwushira ivyizigiro vyiwe k’Uhoraho.
21Uwufise umutima w’ugutahura yitwa umunyabwenge,kandi amajambo yongereza ukwigishwa.
22Ugutahura ni isoko y’ubuzima ku bagufise,ariko ubujuju buzanira igihano ibipfu.
23Umutima w’umunyabwenge ni wo umuzigamira akanwa,kandi iminwa yiwe yongereza ukwigisha.
24Amajambo meza ameze nk’ikimamara c’ubuki,aryohera umutima, akavura amagufa.
25Hari inzira umuntu yibwira ko ari nziza,ariko impera yayo ikamushikana mu rupfu.
26Ni vyiza ko uwukora agira akayabagu;kuko inzara ni yo imutuma gukora.
27Imburakimazi yigira inama yo gukora ikibi,kandi amajambo yiwe ameze nk’umuriro utongora.
28Umuntu yapfapfanye atera imivurungano,kandi umunyarusaku atandukanya abagenzi pfampfe.
29Abanyamiryano bazimiza ababanyi babo,bakabacisha mu nzira mbi.
30Uwuvuna akagohe aba ategura icago;kandi uwukurikira akanwa kiwe agwa mu kibi.
31Imvi ni urugori rw’ubwiza;kironkwa n’abagendera mu bugororotsi.
32Uwitonda aruta intwari ku rugamba,kandi uwuganza ishavu ryiwe aruta uwigarurira igisagara.
33Abantu bakora ubupfindo ngo bamenye ivya kazozaariko Uhoraho, ni we agena ikivamwo.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e