Imigani15

1Inyishu yiyoroheje ihwamika uburake,ariko ijambo ribi rivyura ishavu.
2Ururimi rw’umunyabwenge rutuma ubwenge bwipfuzwa,ariko akanwa k’igipfu ko gasuka ubupfu.
3Amaso y’Uhoraho abera hose icarimwe,yihweza ababi n’abeza.
4Amajambo yiyoroheje ni igiti c’ubuzima,ariko amajambo y’ubujuju avuna umutima.
5Igipfu gikengera impanuro z’umuvyeyi,ariko uwemera guhanurwa ni umunyabwenge.
6Inzu y’umugororotsi yuzura ubutunzi,ariko umwimbu w’abanyakibi ubazanira uguhona.
7Iminwa y’umunyabwenge ikwiragiza ubumenyi,ariko umutima w’igipfu ntugira ico utanga.
8Amashikanwa y’umunyakibi ni igisesema k’Uhoraho,ariko isengesho ry’umugororotsi riramuhimbara.
9Ingeso z’umunyakibi ni igisesema k’Uhoraho,ariko akunda abarondera ukugororoka.
10Ibihano bikomeye biraririye abata inzira,kandi uwanka guhanurwa azopfa.
11Nimba Rupfu na Mahonero ata co bishobora guhisha Uhoraho,mbega umutima w’umuntu wowo nturushiriza kumugaragarira?
12Umucokoranyi yanka guhanurwa,ntiyigera ahanuza umunyabwenge.
13Umutima uhimbawe utuma umuntu agira mu maso hakeye,ariko umubabaro uvuna umutima.
14Umutima w’ubwenge urondera ugutahura,ariko akanwa k’igipfu karya ubupfu.
15Ibihe vy’umubabaro ni bibi,ariko uwufise umutima unezerewe yibera mu misi mikuru.
16Wopfuma ugira bike birimwo ukwubaha Uhoraho,hako utunga vyinshi vyuzuyemwo uruhagarara.
17Utuboga dusangiwe mu rukundoturuta ibinure usangiye n’uwo mwankana.
18Uwushavura vuba avyura imitongano,ariko uwutekanye asubiza hasi induru.
19Inzira z’umunebwe zizibije amahwa,ariko inzira z’umugororotsi ni umuharuro.
20Umwana w’ubwenge atera umunezero se wiwe,ariko igipfu co gikengera nyina.
21Ubupfu bunezereza abatagira ugutahura,umunyabwenge aguma mu nzira zigororotse.
22Imigambi irapfa kubera ukudahanuza,ariko ahari abajenama benshi, imigambi irakomera.
23Umuntu wese anezerererwa inyishu ibereye,kandi ni vyiza kuvuga ijambo ribereye mu gihe gikwiye.
24Ku munyabwenge, inzira y’ubugingo igenda iduga,kugira ngo imubuze kumanuka aja iwabo w’abapfuye.
25Uhoraho asenyura inzu y’umunyabwibone,ariko akomeza inzitiro z’umupfakazi.
26Ivyiyumviro vy’umunyakibi ni igisesema k’Uhoraho,ariko ivy’ab’imitima itanduye biramuhimbara.
27Inkunzi y’amahera ituma ibintu bihona mu muryango,ariko uwanka ibiturire azobaho.
28Umutima w’umugororotsi ugera amajambo avuga,ariko akanwa k’igipfu gaseseka ibibi.
29Uhoraho ari kure y’abanyakibi,ariko isengesho ry’umugororotsi araryumva.
30Kugira mu maso hakeye bizana amahoro mu mutima,kandi inkuru nziza ikomeza amagufa.
31Uwemera gukosorwa bimujana mu bugingoazoba uwuhambaye mu banyabwenge.
32Uwanka guhanwa yanka ubugingo bwiwe,ariko uwemera guhanurwa yironkera ugutahura.
33Ukwubaha Uhoraho kwigisha ubwenge,kandi ukwicisha ubugufi ni kwo gutangurira icubahiro.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e