Imigani14

1Umugore w’umunyabwenge yubaka urugo rwiwe,ariko uw’igipfu arusambuza amaboko yiwe.
2Uwubaha Uhoraho wese agendera mu bugororotsi,ariko abamukengera bose baba bataye inzira.
3Amajambo y’igipfu akwegera inkoni umugongo waco,ariko amajambo y’umunyabwenge ni yo amuzigama.
4Ahatagira inka zirima ubwato bugumana isuku,ariko inkomezi z’inka irima ni zo zizana umwimbu mwinshi.
5Icabona c’ukuri ntikibesha,ariko icabona kibi gihumeka ububeshi.
6Umucokoranyi ararondera ubwenge ntaburonke,ariko ubwenge buranyaruka kuza ku wufise ugutahura.
7Wigirwe kure y’igipfu,kuko ata bumenyi uzosanga mu majambo yaco.
8Abanyamakenga baratahura iyo bariko baja,ariko ibipfu ni vyo vyikwegera kuzimira.
9Ibipfu bicokora uwigarura kubera icaha yakoze,ariko mu bagororotsi hari ukurondera gusubiza hamwe.
10Umutima wose urazi umururazi uri muri wo,kandi nta wushobora gutahura umunezero wawo nka wo.
11Inzu y’umunyakibi izosenyurwa,ariko ihema ry’umugororotsi rizotera imbere.
12Hari inzira umuntu yibwira ko ari nziza,ariko impera yayo ikamushikana mu rupfu.
13Umuntu ashobora gutwenga kandi umutima wiwe urimwo agahinda,ariko inyuma y’agatwengo, agahinda kagumaho.
14Abasubiye inyuma mu mitima bazokwimbura ibihwanye n’inzira zabo,abagwaneza na bo bazobihererwa impera.
15Ikijuju cemera ibivuzwe vyose,ariko umunyamakenga yiyumvira ku ntambuko ziwe.
16Umunyabwenge yubaha Uhoraho akanka ikibi,ariko igipfu cigira icikwije, kikiyemera ubwaco.
17Uwihuta kuraka akora ivy’ubupfu,kandi uwugira imigabo mibi arankwa.
18Ibijuju vyambikwa ubupfu,ariko abanyabwenge bambikwa urugori rw’ubumenyi.
19Ababi bazokwikubita imbere y’abeza,kandi abanyavyaha bazokwunama imbere y’irembo ry’umugororotsi.
20Aboro barankwa mbere n’imbere y’ababanyi babo,ariko abatunzi bagira abagenzi benshi.
21Uwugaya mugenziwe aba akoze icaha,ariko uwufasha aboro agira umugisha.
22Abagira imigabo yo gukora ibibi baba barazimiye,ariko abategura gukora ineza baronka urukundo n’ubwizigirwa.
23Ico umuntu akora kimuzanira inyungu,ariko amajambo yonyene azana amapfa.
24Ubutunzi bw’umunyabwenge ni bwo rugori rwiwe,ariko ubupfu bw’ibipfu buzana ubupfu nyene.
25Icabona kivuga ukuri kirokora ubuzima,ariko icabona kibi ni igihemu.
26Uwubaha wese afise ubwihisho bukomeye k’Uhoraho,kandi uruvyaro rwiwe Uhoraho azorubera ubuhungiro.
27Ukwubaha Uhoraho ni isoko y’ubuzima,kugarura umuntu ngo ntagwe mu mitego y’urupfu.
28Ihanga rifise abantu benshi ni iteka ku mwami,ariko iyo ribuze abantu aba atakaje ububasha.
29Uwitonda aba ahambaye kubera ugutahura kwiwe,ariko uwihuta kuraka akwiragiza ubupfu.
30Umutima urimwo amahoro uzana ubuzima bwiza mu mubiri,ariko ukwipfuza kuboza amagufa.
31Uwurenganya aboro aba akengereye Umuremyi wabo,ariko uwufasha aboro aba ahesheje Imana icubahiro.
32Iyo ivyago biteye, abanyakibi baratikira,ariko no mu rupfu abagororotsi bafise ubuhungiro mu Mana.
33Ubwenge bwicaye mu mutima utahura,kandi no ku bipfu ntibureka kwimenyekanisha.
34Ubugororotsi ni bwo bushira hejuru ihanga,ariko icaha kigayisha ihanga iryo ari ryo ryose.
35Umwami atonesha umunyabwenge,ariko uburake bwiwe buri ku muntu akora ibiterasoni.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e