Imigani13

1Umwana w’ubwenge yumviriza inyigisho za se,ariko umwana atagira indero ntiyemera gukosorwa.
2Umuntu anezerererwa ivyiza bivuye ku vyamwa vy’akanwa kiwe,ariko abahemu bipfuza cane umuryano.
3Abazigama iminwa yabo baba barinze ubuzima bwabo,ariko abavuga batiyumviriye bikwegera uguhona.
4Umunebwe aripfuza mugabo nta co aronka,ariko umunyamwete azoshitsa ivyipfuzo vyiwe vyose.
5Umugororotsi yanka ububeshi,ariko umunyakibi akengereza abandiakikwegera isoni n’agasuzuguro.
6Ubugororotsi buzigama umwizigirwa,ariko umunyakibi azimizwa n’icaha.
7Hari uwigira umutunzi kandi ata co afise,uwundi akigira umukene kandi atunze cane.
8Umutunzi ashobora gutanga ivyo gucungura amagara yiwe,ariko umukene ntiyitaho n’ibimutera ubwoba.
9Ubuzima bw’umugororotsi bwuzuye umuco n’umunezero,ariko itara ry’umunyakibi ririko rirazima.
10Ubwibone bukwega amatati,ariko ubwenge ubusanga mu bemera impanuro.
11Ubutunzi buvuye mu vyibwe buhera ningoga,ariko ubuvuye mu gukora cane buguma bugwira.
12Iyo ivyitezwe bitevye, umutima uragwara,ariko icipfujwe iyo gishitse, kiba igiti c’ubuzima.
13Uwugaya inyigisho azovyishura,ariko uwubaha amabwirizwa abihererwa impera.
14Inyigisho y’umunyabwenge ni isoko y’ubuzima,igarura umuntu ngo ntagwe mu mitego y’urupfu.
15Ukumenya kwiza gutera igikundiro,ariko inzira z’abahemu zibashikana mu mahonero.
16Umunyamakenga akorana ubwenge,ariko igipfu kigaragaza ubujuju bwaco.
17Intumwa mbi igwa mu vyago,ariko intumwa nziza izana ugukira.
18Uwanka guhanurwa bimutera ubukene no kumaramara,ariko uwuzigama impanuro aterwa iteka.
19Iyo icipfujwe gishitse kinezereza umutima,ariko ibipfu bizirana no kureka icaha.
20Uwugendana n’abanyabwenge aba umunyabwege,ariko uwifatanya n’igipfu arabizira.
21Ivyago bikurikirana umunyavyaha,ariko kugubwa neza ni yo mpera y’abagororotsi.
22Umugwaneza asigira itunga abuzukuru,ariko itunga ry’umunyavyaha ribikiwe abubaha Imana.
23Umurima w’umworo ushobora kwama cane,ariko akarenganyo kagatuma asahurwa vyose.
24Uwurinda umwana wiwe inkoni aba amwanka,ariko uwumukunda amuhana uko bikwiye.
25Umugororotsi araronka ivyo arya agahaga,ariko inda y’umunyakibi yamana inzara.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e