Imigani12
1Uwukunda gutozwa indero wese akunda ubumenyi,ariko uwanka guhanurwa wese ni ikijuju.2Umunyendanziza wese agirirwa ubuntu n’Uhoraho,ariko Uhoraho atsindisha abafise inama z’ibibi.3Nta muntu ashikamishwa no kuba inkozi y’ikibi,ariko umugororotsi ashinga imizi ikagera kure.4Umugore w’ingeso nziza ni urugori rw’umugabo wiwe,ariko umugore w’isoni nke ni nk’ingwara idakira mu magufa y’umugabo wiwe.5Imigabo y’umugororotsi iratunganye,ariko impanuro z’umunyakibi zuzuye ububeshi.6Amajambo y’umunyakibi ameze nk’umutego wo gusesa amaraso,ariko amajambo y’abagororotsi ararokora.7Abanyakibi barapfa bakazimangana,ariko umuryango w’umugororotsi wama uhangamye.8Umuntu ashimwa kubera ukwiyubara kwiwe,ariko igipfu kirakengerwa.9Wopfuma uba umukene afise umukozi umwe,hako wigira umukire utagira n’ico urya.10Umugororotsi yitaho n’ivyo ibitungwa vyiwe bishaka,ariko n’ubugwaneza bw’umunyakibi buba buteye ubwoba.11Uwurima itongo ryiwe azoronka umwimbu mwinshi,ariko uwirukira ibitagira ikimazi ni imburabwenge.12Umunyavyaha yipfuza ibirimba vy’abanyakibi,ariko uwubaha Imana arashinga imizi,akama ivyamwa vyiwe bwite.13Umunyavyaha afatwa n’amajambo yiwe ubwiwe,ariko umugororotsi ntafatwa mu makuba.14Ivyamwa biva mu kanwa k’umuntu ni vyo bimuhesha ivyiza,nk’uko umuntu ahabwa impera n’ibikorwa vy’amaboko yiwe.15Igipfu cibwira ko ingeso zaco zitunganye,ariko umunyabwenge yumviriza impanuro.16Igipfu cihutira kugaragaza ishavu ryaco,ariko umunyamakenga yirengagiza igitutsi.17Icabona c’ukuri gisura ibitunganye,ariko icabona kibi kivuga ibinyoma.18Amajambo y’imvuzi acumitana nk’inkotaariko ururimi rw’umunyabwenge rurakiza.19Amajambo y’ukuri yamaho ibihe vyose,ariko ikiyoma kimara umwanya muto.20Ububeshi bwuzura mu kanwa k’abagira inama yo gukora ibibi,ariko abaja inama z’amahoro buzura umunezero mu mitima yabo.21Umugororotsi nta kibi kimushikira,ariko umunyakibi we yuzuye amagorwa.22Uhoraho azira iminwa ibesha,agahimbarirwa abizigirwa.23Umunyamakenga yizigamira ubumenyi bwiwe,ariko igipfu camamaza ubujuju bwaco.24Amaboko aroranya azorongora,ariko ubunebwe bushikana ku kuba umuja.25Umutima urimwo amaganya uraremerwa,ariko ijambo ryo gutera intege rihagurutsa uwuribwiwe.26Umugororotsi ahanura neza bagenziwe,ariko inzira z’umunyakibi zirabazimiza.27Umunebwe ntashobora no kwotsa ico yahize agafata,ariko uwuzi kuroranya akoresha neza ico aronse cose.28Mu nzira y’ubugororotsi hari ubuzima,kandi muri iyo nzira hari ukudapfa.
Biblica, Inc.