Imigani11
1Umunzane uziritse ni igisesema k’Uhoraho,ariko ingero ibereye iramunezereza.2Iyo ubwibone buje, kumaramara kurakurikira,ariko mu kwicisha bugufi havamwo ubwenge.3Gutungana kw’abagororotsi kuzobarongora,ariko ubujuju bw’abahinduka abandi buzobarandura.4Ubutunzi nta co buzomara ku musi w’urubanza,ariko ubugororotsi bukiza urupfu.5Ubugororotsi bw’inyankamugayo bugorora inzira zabo,ariko abanyakibi bazokubitwa hasi n’ububi bwabo.6Ubugororotsi bw’abatunganye ni bwo buzobakiza,ariko abaryarukanyi bazogwa mu vyipfuzo vyabo bibi.7Iyo umunyakibi apfuye, ivyizigiro vyiwe biba biheranye na we.Ivyo yari yiteze mu nkomezi ziwe bigahinduka ubusa.8Umugororotsi aratabarwa iyo ageze mu vyago,maze ayo mabi akagwa ku munyakibi.9Uwutubaha Imana aranduza akanwa mugenziwe,ariko ubumenyi buzokiza umugororotsi.10Umugororotsi ateye imbere, igisagara ciwe kiranezerwa;kandi umunyakibi apfuye, havuzwa impundu.11Umugisha w’abagororotsi ushira hejuru igisagara,ariko akanwa k’abanyakibi karagisambura.12Uwukengera umubanyi ni imburabwenge,ariko uwufise ugutahura agumya ururimi rwiwe.13Umunyarusaku amena amabanga,ariko umwizigirwa arayagumya.14Ihanga ribuze abarongozi b’ubwenge riratemba,ariko abajenama benshi barizanira kuba amahoro.15Uwiyemeza kurihira umwenda uwo atazi nta kabuza bizomubabaza,ariko uwanka kwifatanya n’uwundi mu mwenda azoba amahoro.16Umugore w’umugwaneza arubahwa,ariko abagabo b’ibirara ico bunguka ni ubutunzi gusa.17Umugabo w’umugwaneza abikuramwo impera,ariko inkozi y’ikibi yikwegera uguhona.18Umunyakibi aronka impera zitari zo,ariko uwurima ukugororoka yimbura impera nyazo.19Umugororotsi aronka ubuzima,ariko abanyakibi baja mu rupfu.20Uhoraho asesemwa n’abafise imitima yuzuye uruhendo,ariko agahimbarwa n’abagendera mu nzira zitagira agasembwa.21Ubimenye: Umunyakibi ntazobura guhanwa,ariko uruvyaro rw’umugororotsi ruzokwidegemvya.22Ubwiza bw’umugore atagira ubwenge,ni nk’impeta y’inzahabu ku zuru ry’ingurube.23Ivyipfuzo vy’umugororotsi bimushikana ku vyiza,ariko ivyizigiro vy’umunyakibi bimushikana ku burake.24Umwe atanga abikunze, akaronka umurengera;uwundi akimana birenze urugero, bikamutera ubukene.25Uwutanga aratunga,kandi uwuhembura abandi na we azohemburwa.26Uwimana ingano avumwa n’abantu,ariko uwuzishora iyo zikenye asabirwa umugisha n’abantu.27Uwurondera ineza aronka ugukundwa,ariko uwurondera ikibi ni co kimushikira.28Uwishimira ubutunzi bwiwe azotemba,ariko umugororotsi azototahara nk’ibabi ryo mu rushana.29Uwutera umuryano mu muryago azoragwa umuyaga gusa,kandi igipfu kizokorera abanyabwenge.30Imbuto y’ukugororoka ivamwo igiti c’ubuzima,kandi umunyabwenge akiza ubuzima.31Nimba umugororotsi aronka impera yiwe hano kw’isi,mbega umunyakibi n’umunyavyaha bo bizobagendera gute?
Biblica, Inc.