Guharura30

Amasezerano

1Nuko Mose amenyesha abakuru b’imiryango y’Abisirayeli ati: “Ibi ni vyo Uhoraho yategetse:2Umuntu niyasezeranira Uhoraho gukora ikintu kanaka akagisezerana ashizeko n’indahiro, ntaze yirahuruze ariko aze ashire mu ngiro ivyo yavuze.
3Umukobwa akiri mu nzu kwa se niyasezeranira Uhoraho kumushikanira ishikanwa canke kudakora ikintu ashizeko indahiro4hanyuma se wiwe akavyumva ariko ntagire ico abarira umukobwa wiwe, ivyo yasezeranye n’ivyo yarahiye bizogumaho.5Ariko se wiwe niyamubuza amaze kuvyumva, nta na kimwe mu vyo yasezeranye canke yarahiye gushitsa kizofata; Uhoraho azomubohora kuko se wiwe yamubujije.
6Niyagira ubukwe amaze kurahira canke iminwa yiwe imaze guhurudukana isezerano rimuboha7hanyuma umugabo wiwe akavyumva ariko ntagire ico amubwira, ivyo yasezeranye n’iyo ndahiro bizogumaho.8Ariko umugabo wiwe niyavyumva hanyuma akamubuza, azoba ahagaritse iryo sezerano ryamuboha canke iyo ndahiro yapfuye kuvuga atiyumviriye neza ikamuboha, kandi Uhoraho azomubohora.
9Isezerano canke indahiro bigizwe n’umupfakazi canke uwahukanye bizomuboha.
10Umugore abana n’umugabo wiwe niyasezerana isezerano canke akarahira indahiro imuboha11hanyuma umugabo wiwe akavyumva ariko ntagire ico amubwira kandi ntamubuze, ivyo yasezeranye vyose n’ivyo yarahiye vyose bizogumaho.12Ariko uwo mugabo wiwe amaze kwumva ivyo yasezeranye agaca abihagarika ubwo nyene akivyumva iryo sezerano canke iyo ndahiro bizoba bihagaze. Umugabo wiwe azoba yabihinduye kandi Uhoraho azomubohora.13Umugabo wiwe ashobora kwemeza canke guhakana ivyo yibohesheje.14Ariko umugabo wiwe natagira ico abimubwirako hagaca umusi wose, azoba yemeje ivyo uwo mugore yasezeranye n’indahiro yarahiye zizomuboha. Azoba avyemeje kuko ata co yavuze amaze kuvyumva.15Ariko uwo mugabo niyabihindura amaze igihe avyumvise, ivyo uwo mugore yasezeranye bizoja ku mutwe w’uwo mugabo.”
16Ayo ni yo mategeko Uhoraho yahaye Mose yerekeye imigenderanire hagati y’umugabo n’umugore wiwe, no hagati ya se n’umukobwa wiwe akiba mu nzu iwe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e