Guharura31
Abisirayeli bihora Abamidiyani
1Uhoraho abarira Mose ati:2“Genda utere Abamidiyani ubahoye ivyo bakoreye Abisirayeli. Inyuma y’aho uzoca uhamvya abanyu.”3Nuko Mose abarira abantu ati: “Nihagire abantu bo muri mwebwe bambara ibigwanisho baje kugwanya Abamidiyani kugira ngo bashitse uguhora kw’Uhoraho kuri bo.4Umuryango wose mu Bisirayeli urungike abagabo igihumbi.”5Nuko abagabo ibihumbi cumi na bibiri mu Bisirayeli bambara ibigwanisho bitegurira kuja mu ntambara, umuryango wose urungika abagabo igihumbi.6Mose abarungika mu ntambara, ari igihumbi ku muryango wose, abarungikana Finehasi mwene Eliyazeri, umuherezi, ari we yatwaye ibikoresho vyera vyo mw’ihema hamwe n’inzamba zo gutanga ikimenyetso c’akamo k’intambara.7Bagwanya Abamidiyani, nk’uko Uhoraho yategetse Mose, bica abagabo bose.8Mu bo bishe harimwo Evi, Rekemu, Zuri, Huri na Reba, abami batanu b’i Midiyani. Bicisha inkota na Balamu mwene Beyori.9Abisirayeli bafata mpiri abagore n’abana b’Abamidiyani batwara n’amasho y’Abamidiyani, n’imikuku n’ibindi vyiza vyose.10Baturira ibisagara vyose Abamidiyani babamwo, n’amakambi yabo.11Batwara ibintu vyose n’abantu ivyo bari bigaruriye vyose,12babizanira Mose na Eliyazeri umuherezi n’ikoraniro ry’Abisirayeli bose aho bari bacumbitse mu biyaya vy’i Mowabu, ku nkombe ya Yorodani aharabana n’i Yeriko.13Mose, Eliyazeri umuherezi n’abakuru b’abantu bose baja kubasanganirira hanze y’aho bakoraniye.14Mose ashavurira abakuru b’ingabo; abarongoye ingabo igihumbi n’abatwara ingabo ijana; bari bavuye mu ntambara.15Arababarira ati: “Mbega mwakoze iki ko mwaretse abagore ntimubice?16Ni bo bakurikije inama bagiriwe na Balamu kandi ni bo batumye Abisirayeli bakevya bakava k’Uhoraho mu vyabaye i Peyori, gushika n’aho ikiza gitera abantu.17Ubu rero nimwice abahungu bose. Kandi mwice umugore wese yaryamanye n’umugabo,18ariko mwisigarize abakobwa bose batigeze baryamana n’umugabo.19Umuntu wese wo muri mwebwe yishe umuntu canke yakoze ku wapfuye agume inyuma y’aho mucumbitse kumara imisi indwi. Ku musi wa gatatu no ku musi w’indwi muze mwihumanure mwebwe n’abanyagano banyu.20Muhumanure n’impuzu zose n’ikintu cose gikozwe mu rusato, mu bwoya bw’impene canke mu biti.”21Nuko Eliyazeri umuherezi abarira ingabo zagiye ku rugamba ati: “Ibi ni vyo Ivyagezwe Uhoraho yahaye Mose bivuga:22Inzahabu, ifeza, imiringa, ivyuma, n’ubundi butare23mbere n’ibindi vyose bidashobora gusha bize bishirwe mu muriro, ni ho bizoba bihumanuwe. Ariko kandi bize bihumanurwe n’amazi yo guhumanura. Kandi ikintu cose kidashobora kurinda umuriro, kize gicishwe muri ayo mazi.24Ku musi w’indwi muze mumesure impuzu zanyu namwe muzoba muhumanuwe. Ni ho muzoshobora kwinjira aho ducumbitse.”Ivyo kugabura isahu
25Uhoraho abarira Mose ati:26“Wewe na Eliyazeri umuherezi n’abakuru b’imiryango y’ubu bwoko muze muharure abantu n’ibitungwa vyanyazwe.27Mugaburire ivyanyazwe abagabo bagiye kugwana n’abasigaye bo mw’ikoraniro.28Ku mugabane w’abasoda bagwanye mu ntambara, uze ukureko umugabane wanje jewe Uhoraho ungana n’ikintu kimwe ku bintu amajana atanu, baba ari abantu, amasho, indogoba intama canke impene.29Uze wakire uwo mugabane ku mugabane wabo uwushikirize Eliyazeri umuherezi nk’umugabane w’Uhoraho.30Ku mugabane w’Abisirayeli, muze mutoranye kimwe ku bintu mirongo itanu, baba abantu, amasho, indogoba, intama, impene canke ibindi bitungwa vyose. Muze mubihe Abalewi, bashinzwe gutunganya ihema ry’Uhoraho.”31Nuko Mose na Eliyazeri umuherezi bakora nk’uko Uhoraho yari yategetse Mose.32Ivyasigaye mu vyo abagiye ku rugamba banyaze vyari intama amajana atandatu na mirongo indwi na bitanu,33inka ibihumbi mirongo indwi na bibiri,34indogoba ibihumbi mirongo itandatu na kimwe35n’abakobwa batigeze baryamana n’umugabo ibihumbi mirongo itatu na bibiri.36Igice cegukira abagiye ku rugamba cari:Intama ibihumbi amajana atatu na mirongo itatu n’indwi n’amajana atanu,37muri izo umugabane w’Uhoraho ukaba wari intama amajana atandatu na mirongo indwi na zitanu;38inka ibihumbi mirongo itatu na bitandatu, muri izo umugabane w’Uhoraho ukaba wari inka mirongo indwi na zibiri;39indogoba ibihumbi mirongo itatu n’amajana atanu, muri izo umugabane w’Uhoraho ukaba wari indogoba mirongo itandatu n’imwe;40abantu ibihumbi cumi na bitandatu, muri bo umugabane w’Uhoraho ukaba wari abantu mirongo itatu na babiri.41Mose aha wa mugabane w’Uhoraho Eliyazeri umuherezi, nk’uko Uhoraho yategetse Mose.42Igice cegukira Abisirayeli, ico Mose yari yashize ukwaco agitandukanya n’ic’abagiye ku rugamba;43ari co gice cagerewe abasigaye; cari intama ibihumbi amajana atatu na mirongo itatu n’indwi n’amajana atanu,44inka ibihumbi mirongo itatu na bitandatu,45indogoba ibihumbi mirongo itatu n’amajana atanu46n’abantu ibihumbi cumi na bitandatu.47Mu vyagenewe Abisirayeli, Mose akuramwo kimwe ku mirongo itanu baba abantu canke ibitungwa, nk’uko Uhoraho yari yamutegetse, aca abiha Abalewi, ari bo bari bajejwe igikorwa co gutunganya ihema ry’Uhoraho.48Maze abakuru b’ingabo bari barongoye imice y’ingabo, baba abatwara imice y’abantu igihumbi canke abatwara imice y’abantu ijana, baja aho Mose ari,49baramubwira bati: “twebwe abasavyi bawe twaharuye ingabo turongoye, kandi nta n’umwe abuze.50None twari tuzanye ishikanwa k’Uhoraho ry’ibikoresho vyose bikozwe mu nzahabu twaronse: imigufu, ivyo kwambara ku maboko, impeta, ivyo ku matwi; ngo tubitangeko ikimazi cacu co kwikurako icaha imbere y’Uhoraho.”51Mose na Eliyazeri umuherezi babakirira izo nzahabu zari mu vyacuzwe vyose.52Inzahabu zatanzwe n’abarongoye imice y’ingabo igihumbi n’ijana izo Mose na Eliyazeri bashikaniye Uhoraho zapimye shekeli ibihumbi cumi na bitandatu n’amajana indwi na mirongo itanu. 53Uwagiye ku rugamba wese yatwaye isahu yari yazanye.54Mose na Eliyazeri umuherezi bakira ivyo abo bakuru b’ingabo igihumbi n’ijana batanze bavyinjiza mw’Ihema ry’Ibonaniro nk’icibutso ku Bisirayeli imbere y’Uhoraho.
Biblica, Inc.