Guharura29
Imisi mikuru y’inzamba
1Ku musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi muze mugire ikoraniro ryera kandi ntimuze mugire ico mukora. Uzoba ari umusi mukuru kuri mwebwe wo kuvuza inzamba.2Ikimazi c’ubumote bwiza bunezera Uhoraho, kizobe ikimazi co guturirwa kigizwe n’ishuri imwe ikiri nto, impfizi y’intama imwe n’imyagazi y’intama indwi imaze umwaka, vyose bibe ibitagira agasembwa.3Iyo shuri ize iherekezwe n’ishikanwa ringana na bitatu vya cumi vy’ingero efa y’ifu inoze neza ivanze n’amavuta ya elayo; hanyuma iyo mpfizi y’intama na yo izoherekezwe na bibiri vya cumi ;4kandi umwagazi wose uzoherekezwa na kimwe ca cumi .5Muze mushiremwo n’isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha kugira ngo kibe ikimazi co kubakurako ivyaha vyanyu.6Ivyo bize vyiyongere kuri vya bimazi bitangwa uko ukwezi gutashe n’ivyo ku musi ku musi n’amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa nk’uko vyashinzwe. Bizoba ari ibimazi vyo guturirwa n’umuriro bishikaniwe Uhoraho; ubumote bwiza bumuhimbara.Umusi w’impongano
7Ku musi ugira icumi w’uko kwezi kw’indwi muze mugire ikoraniro ryera. Muze mwisonzeshe kandi ntihagire ico mukora.8Muze mutange ishikanwa ribe ubumote bwiza bunezera Uhoraho, rizoba ari ikimazi co giturirwa kigizwe n’impfizi y’inka ikiri nto, impfizi y’intama imwe n’imyagazi y’intama indwi imaze umwaka, vyose bitagira agasembwa.9Impfizi yose izoherekezwa n’ishikanwa ringana na bitatu vya cumi vy’ingero efa y’ifu inoze neza ikaranze mu mavuta; hanyuma ya mpfizi y’intama na yo izoherekezwa n’ibilo bitandatu;10kandi umwagazi wose muri iyo ndwi uzoherekezwa n’ibilo bitatu.11Muze mushiremwo n’isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha, hejuru y’iryo shikanwa ry’ivyaha hamwe n’ibimazi biturirwa biri kumwe n’ishikanwa ry’ifu bijanye, n’amashikanwa y’ibinyobwa.Imisi mikuru y’insago
12Ku musi ugira icumi na gatanu w’uko kwezi kw’indwi, muze mugire ikoraniro ryera kandi ntihagire ico mukora. Muhimbaze umusi mukuru w’Uhoraho imisi indwi.13Muze mushikanire Uhoraho ikimazi co guturirwa nk’ubumote bwiza bunezera Uhoraho, ikimazi co guturirwa kigizwe n’amashuri icumi n’atatu, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa.14Ishuri yose muri izo icumi na zitatu ize iherekezwe na bitatu vya cumi vy’ingero efa y’ifu inoze neza ikaranze mu mavuta; hanyuma impfizi y’intama yose ize iherekezwe n’ibilo bitandatu;15kandi umwagazi wose muri ya myagazi icumi n’ine, uzoherekezwe n’ibilo bitatu.16Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, yiyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’ishikanwa ry’ifu n’iry’ibinyobwa bijanye.17Ku musi wa kabiri muze mutegure amashuri icumi n’abiri, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka umwe, vyose bibe bitagira agasembwa.18Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe.19Muze mushiremwo n’isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera kuri ca kimazi cama gitangwa ku musi ku musi n’ishikanwa ry’ifu bijanye, n’amashikanwa y’ibinyobwa yavyo.20Ku musi ugira gatatu muze mutegure amashuri icumi n’imwe, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama cumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa.21Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe.22Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’amashikanwa y’ifu n’ibinyobwa bijanye.23Ku musi ugira kane muze mutegure amashuri icumi, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa.24Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe.25Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, yiyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’ishikanwa ry’ifu n’iry’ibinyobwa bijanye.26Ku musi ugira gatanu muze mutegure amashuri icenda, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa.27Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe.28Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’ishikanwa ry’ifu n’iry’ibinyobwa bijanye.29Ku musi ugira gatandatu muze mutegure amashuri umunani, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa.30Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe.31Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’amashikanwa y’ifu n’ibinyobwa bijanye.32Ku musi ugira indwi muze mutegure amashuri indwi, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa.33Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe.34Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’amashikanwa y’ifu n’ibinyobwa bijanye.35Ku musi ugira umunani muze mugire ikoraniro ryera kandi ntihagire ico mukora.36Muze mutange ikimazi co guturirwa ubumote bwiza buhimbara Uhoraho, ikimazi co guturirwa kigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’imyagazi y’intama imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa.37Kuri iyo shuri, iyo mpfizi y’intama, n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’amashikanwa y’ibinyobwa bijanye mukurikije ibitigiri vyatanzwe.38Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’ishikanwa ry’ifu n’iry’ibinyobwa bijanye.39Ivyo bimazi vyose muze mubishikanire Uhoraho ku misi mikuru uko yashinzwe. Mushobora kwongerako ivyo musezerana muvyishakiye bivuye ku mitima yanyu. Muze mutegurire Uhoraho mu misi mikuru: ibimazi vyanyu vyo kwoswa, amashikanwa y’ifu, amashikanwa y’ibinyobwa n’ibimazi vy’ishimwe.’ ”40Mose abarira Abisirayeli ivyo Uhoraho yamutegetse vyose.Biblica, Inc.