Guharura28

Ibimazi vyo ku musi ku musi

1Uhoraho abarira Mose ati:2“Tegeka Abisirayeli ubabwire uti: ‘Mwiyubare kugira ngo mu gihe cashinzwe muze mushikanire imfungurwa zanje ari vyo vya bimazi vyo kwoswa nk’umubabwe umota neza unezera.’3Ubabwire uti: ‘Iri ni ryo shikanwa ryo guturirwa mukwiye gushikanira Uhoraho: imyagazi y’intama ibiri imaze umwaka itagira agasembwa, nk’ikimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi.4Muze mushikane umwe mu gitondo, uwundi ku mugoroba,5hamwe n’ishikanwa ry’ifu ringana n’ic’icumi c’ingero efa y’ifu inoze neza n’ica kane c’ingero hini y’amavuta ya elayo.6Ico ni ikimazi co guturirwa cama gitangwa nk’uko vyashinzwe ku Musozi Sinayi ngo kibe ubumote bwiza bushikaniwe Uhoraho.7Ishikanwa ry’ibinyobwa riherekeza iryo rize ribe ica gatatu c’ingero hini, hamwe n’uwo mwagazi. Muze musuke iryo shikanwa ry’ibinyobwa ahera imbere y’Uhoraho.8Muze mushikane umwagazi wa kabiri ku mugoroba, hamwe n’ishikanwa ry’ifu n’iry’ibinyobwa risa n’irya mbere ryo mu gitondo. Ico ni ikimazi giturirwa, ishikanwa rimota neza rihimbara Uhoraho.

Ibimazi bitangwa kw’Isabato

9Ku musi w’Isabato, muze mutange imyagazi y’intama ibiri imaze umwaka umwe kandi itagira agasembwa, hamwe n’ishikanwa ry’ibinyobwa n’ishikanwa bijanye rigizwe na bibiri vya cumi vy’ingero efa y’ifu ikaranzwe mu mavuta ya elayo.10Ni co kimazi co guturirwa kizotangwa uko Isabato ishitse, ciyongera kuri ca kimazi co ku musi ku musi n’ishikanwa bijana ry’ibinyobwa.

Ibimazi bitangwa uko ukwezi gutashe

11Kw’igenekerezo rya mbere ry’ukwezi kwose, muze mushikanire Uhoraho ikimazi giturirwa kigizwe n’impfizi zibiri z’inka, impfizi y’intama ikuze imwe, n’impfizi z’intama indwi zimaze umwaka umwe, zitagira agasembwa.12Impfizi yose y’inka muze muyishikane hamwe n’ishikanwa ry’ifu rigizwe na bitatu vya cumi vy’ingero efa y’ifu inoze neza ikaranze mu mavuta, hanyuma impfizi yose y’intama ize ijane n’ishikanwa ry’ifu rigizwe na bibiri vya cumi vy’ingero efa y’ifu inoze neza ikaranzwe mu mavuta;13kandi umwagazi w’intama wose, uze ujane n’ica cumi c’ingero efa y’ifu inoze neza ikaranzwe mu mavuta. Ico ni co kimazi co guturirwa, ubumote bwiza bushikaniwe Uhoraho.14Impfizi yose ize iherekezwe n’ishikanwa ry’ibinyobwa ringana n’igice c’ingero hini y’umuvinyu; hanyuma impfizi yose y’intama na yo iherekezwe n’ica gatatu c’ingero hini ; umwagazi w’intama na wo, uherekezwe n’ica kane c’ingero hini . Ico ni ikimazi gitangwa uko ukwezi kwose mu mezi agize umwaka gutanguye.15I ruhande y’ibimazi vyo guturirwa vyama bitangwa n’ishikanwa ribiherekeza, haze hatangwe n’isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha gishikaniwe Uhoraho.

Umusi Mukuru wa Pasika

16Ku musi ugira icumi na kane w’ukwezi kwa mbere muze muhimbaze Pasika y’Uhoraho.17Ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwo kwezi nyene muze mugire umusi mukuru; muze mumare imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro.18Ku musi wa mbere muzogire ikoraniro ryera kandi ntimuze mugire igikorwa muwukorako.19Muze mushikanire Uhoraho ibimazi vyo guturirwa n’umuriro, bigizwe n’impfizi zibiri z’inka, impfizi y’intama imwe n’imyagazi y’intama indwi imaze umwaka, kandi itagira agasembwa.20Ishuri yose izojana n’ishikanwa ry’ifu rigizwe na bitatu vya cumi vy’ingero efa y’ifu inoze neza ikaranze mu mavuta; impfizi y’intama na yo ijane n’ibilo bitandatu;21kandi umwagazi w’intama wose muri iyo ndwi, uzojana n’ibilo bitatu.22Muze mwongereko isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha co kubabera igikuraho icaha.23Ivyo bizokwiyongera ku bimazi biturirwa muzokwama mutanga imisi yose mu gatondo.24Uko ni ko muzokwama mushikana ivyo bimazi ku musi ku musi muri iyo misi yose uko ari indwi, imfungurwa z’amashikanwa y’ubumote bwiza bunezera Uhoraho; bize vyame bitegurwa vyiyongera ku bimazi vyo guturirwa muhora mutanga ku musi hamwe n’ishikanwa rijana na vyo ry’umuvinyu.25Ku musi ugira indwi muze mugire ikoraniro ryera kandi ntimuze mugire igikorwa muwukorako.

Imisi mikuru y’amayinga

26Ku musi wo gushikanira Uhoraho ivyatanguye kwera imbere y’ibindi mu misi mikuru y’amayinga, muze mugire ikoraniro ryera kandi ntimuze mugire igikorwa na kimwe mukora.27Muze mutange ikimazi co guturirwa c’amashuri abiri akiri mato, impfizi y’intama ikuze imwe n’impfizi z’intama indwi zimaze umwaka, bibe ubumote bwiza buhimbara Uhoraho.28Impfizi yose ize iherekezwe n’ishikanwa ringana na bitatu vya cumi vy’ingero efa y’ifu inoze neza ikaranze mu mavuta; impfizi y’intama imwe na yo iherekezwe na bibiri vya cumi vy’ingero efa;29umwagazi wose muri iyo myagazi indwi, uzoherekezwa n’ica cumi c’ingero efa.30Uze ushiremwo n’isuguru y’impene imwe yo gutanga nk’ikimazi gikurako ivyaha vyanyu.31Muze mutegure ibi vyose hamwe n’ishikanwa ry’ibinyobwa bijanye, bizokwiyongera kuri ca kimazi co guturirwa co ku musi ku musi n’ishikanwa ry’ifu bijanye. Muze mwiyubare ivyo bitungwa ntibize bibe bifise agasembwa.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e