Guharura21

Abanyakanani batsindwa

1Umwami w’Umunyakanani yaganza ahitwa Aradi, yaba i Negebu, yumva ko Abisirayeli bariko baraza baciye mu nzira ija i Atarimu, aca atera Abisirayeli kandi afata bamwe muri bo abagira imbohe.2Nuko Abisirayeli basezerana iri sezerano imbere y’Uhoraho bati: “Niwagabura aba bantu mu maboko yacu, natwe tuzosambura rwose ibisagara vyabo.”3Uhoraho yumva ugutakamba kwabo aca agabura abo Banyakanani mu maboko yabo. Baca barabarandura bose mbere basambura n’ibisagara vyabo vyose. Aho hantu haca hitwa Horuma risigura “imisaka”.

Inzoka y’umwakaka

4Baragenda bava ku musozi Hori bajana inzira ija ku Kiyaga Gitukura, kugira ngo bazunguruke ntibace mu gihugu ca Edomu. Ariko abantu barambirwa n’urugendo;5batangura kuvuga nabi Imana na Mose bati: “Ni kuki mwadukuye muri Egiputa ngo tuze gupfira mu bugaragwa? Nta vyokurya bihari! Nta mazi ahari! Kandi n’ibi vyokurya manu bitagira ikimazi vyatuduhiye!”
6Nuko Uhoraho arungika inzoka z’ubumara muri bo; zirabakomora Abisirayeli benshi barapfa.7Abantu baza aho Mose yari ari bamubarira bati: “Twacumuye kuko twavuze nabi Uhoraho na wewe. Dusengere Uhoraho adukuremwo izi nzoka.” Nuko Mose aca arabasengera.
8Uhoraho abarira Mose ati: “Kora inzoka uyimanike ku giti; umuntu wese yakomowe n’inzoka niyayiraba arakira.”9Nuko Mose acura inzoka mu mwakaka ayimanika ku giti. Maze umuntu wese yari yakomowe n’inzoka, aravye ya nzoka y’umuringa, yaca akira.

Bagenda i Mowabu

10Maze Abisirayeli barunguruza bacumbika i Oboti.11Mu nyuma barunguruza bava i Oboti bacumbika muri Iye Abarimu, mu bugaragwa buri mu buseruko bwa Mowabu.12Bava ngaho barunguruza bacumbika mu kiyaya ca Zeredi.13Bava aho barabandanya bacumbika ku nkengera za Arunoni. Urwo ruzi Arunoni ni rwo rwagabura igihugu ca Mowabu n’ic’Abamori.14Ni co gituma mu gitabu c’ivy’Intambara z’Uhoraho hariho ahavuga ngo:“Wahebu muri Sufa n’imigezi yisuka muri rwo,Arunoni15n’imigezi yisuka muri rwoinkombe zarwo zo kuri Arini zo rubibe rwa Mowabu.”
16Bava ngaho barabandanya no kuri Beyeri, iriba riri aho Uhoraho yabwiriye Mose ati: “Koranya abantu nanje ngiye kubaha amazi.”
17Nuko Abisirayeli baririmba indirimbo ivuga ngo:“Dudubiza, wa riba!Nimuriririmbe18rya riba ryimbwa n’abaganwa,ryatobowe n’abanyacubahirobakoresheje amacumu yabo n’inkoni zabo.”Nuko bava mu bugaragwa baja i Matana,19Bava i Matana baja i Nahaliyeli, bava i Nahaliyeli baja i Bamoti,20bavuye i Bamoti baja mu kiyaya c’i Mowabu aho umuntu ashobora kubona ubugaragwa ari ku gatwe k’umusozi wa Pisiga.

Ukuneshwa kwa Sihoni na Ogi

21Abisirayeli barungika intumwa kubwira Sihoni umwami w’Abamori bati:
22“Nimutureke duce mu gihugu canyu. Ntituzohindukira ngo turabe ku ruhande mu mirima yanyu canke mu nzabibu zanyu, canke ngo tunywe amazi yo mu mariba yanyu. Tuzokwicira mw’Ibarabara ry’Umwami, gushika twirenganiye tukava mu gihugu canyu.”
23Ariko Sihoni ntiyemerera Abisirayeli guca mu gihugu ciwe. Aca akoranya ingabo ziwe zose aja mu bugaragwa gutera Abisirayeli; ashitse i Yahazi, agwana na bo.24Abisirayeli baramugwanya baramunesha babamarisha inkota bafata n’igihugu ciwe kuva ku ruzi Arunoni gushika kuri Yaboki, gushika ku rubibe rwo mu buseruko bw’Abamoni, kuko urwo rubibe rwari ruzitijwe inzitiro.25Bafata ibisagara vyose vy’Abamori, harimwo Heshiboni n’imihana yose ihakikuje.26Heshiboni cari igisagara ca Sihoni umwami w’Abamori, uwo yari yaragwanye n’umwami yahora aganza i Mowabu aca afata ico gihugu ciwe gushika ku ruzi rwa Arunoni.
27Ni co gituma abavuga ivyese bavuze ngo:“Nimuze i Heshiboni muhubake;igisagara ca Sihoni nigisubire cubakwe.
28Umuriro wadutse uva muri Heshiboniurubeya rwavuye mu gisagara ca Sihoni.Rwaturiye muri Ari ahantu ho muri Mowabu,N’abanyagihugu baba ku nkengera za Arunoni.29Uragowe, yewe Mowabu!Murasambuwe, yemwe bantu basenga Kemoshi!Abahungu babo babaye impunzin’abakobwa babaye inyagano,za Sihoni umwami w’Abamori.
30Ariko twarashe imyampi ku Bamori;I Heshiboni hasambuwe, gushika i Diboni.Twahasambuye gushika i Nofa,mbere n’Umuriro wararurumvye gushika i Medeba.”
31Nuko Abisirayeli baca bashinga amahema mu gihugu c’Abamori.
32Mose amaze kurungika abatasi mu gisagara c’i Yazeri, Abisirayeli baca bafata ibigwati bihakikuje basohora Abamori bari muri vyo.33Nuko barahindukira bafata inzira iduga ija i Bashani; maze Ogi, umwami w’i Bashani, n’ingabo ziwe zose baza guhura na bo kugira ngo bagwanire ahitwa Edireyi.
34Uhoraho abarira Mose ati: “Ntimumutinye kuko namutanze mu maboko yanyu, we n’ingabo ziwe zose n’igihugu ciwe. Muze mumukorere nk’ivyo mwakoreye Sihoni umwami w’Abamori, yaganza i Heshiboni.”
35Nuko baramugwanya baramunesha, n’abahungu biwe bose n’ingabo ziwe zose, ntibasigaza umuntu n’umwe. Baca begukira igihugu ciwe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e