Guharura20
Amazi ava mu gitandara
1Mu kwezi kwa mbere Abisirayeli bose bashika mu bugaragwa bw’i Zini, baca baguma i Kadeshi. Aho ni ho Miriyamu yapfiriye aca ahambwaho.2Nuko habura amazi, abantu bahagurukira kugwanya Mose na Aroni.3Batatira Mose bavuga bati: “Iyo dupfuma dupfira rimwe na benewacu hamwe bagwa imbere y’Uhoraho!4Ni kuki mwazanye abantu b’Uhoraho muri ubu bugaragwa, kugira ngo twebwe n’ibitungwa vyacu dupfire hano?5Ni kuki mwatuduganye mudukuye muri Egiputa mukatuzana aha hantu habi? Nta ngano, nta misukoni, nta mizabibu canke amakomamanga; kandi nta n’amazi yo kunywa ariho!”6Mose na Aroni bava imbere y’ikoraniro baja ku muryango w’Ihema ry’Ibonaniro bubama hasi, maze ubwiza bw’Uhoraho burababonekera.7Uhoraho abarira Mose ati:8“Akira ya nkoni yawe, ugende mwe na Aroni mukurwawe ukoranye Abisirayeli bose. Uze ubwire ico gitandara imbere yabo na co kizosuka amazi yaco. Uzokura amazi muri ico gitandara kugira ngo iryo koraniro ryose n’ibitungwa vyabo baze banywe.”9Nuko Mose afata ya nkoni ayikura imbere y’Uhoraho, nk’uko yari yamutegetse.10We na Aroni bakoranya Abisirayeli bose imbere ya ca gitandara hanyuma Mose ababarira ati: “Umvirize yemwe mwa bagarariji mwe! Mbega twoshobora gukura amazi muri iki gitandara ngo munywe?”11Nuko Mose akiriza ukuboko kwiwe akubita ca gitandara kabiri na ya nkoni yiwe. Amazi aca aradudubiza, abantu baranywa n’ibitungwa vyabo.12Ariko Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: “Kubera yuko mutanyizigiye bikwiye ngo mumpeshe icubahiro nk’Uwera imbere y’Abisirayeli, ntimuzoshikana ubu bwoko mu gihugu ngiye kubaha.”13Ayo ni yo mazi y’i Meriba, amazi y’imitongano, aho Abisirayeli batonganije Uhoraho na we akerekana ukwera kwiwe muri bo.Abanyedomu bima Abisirayeli inzira
14Mose arungika intumwa zivuye i Kadeshi ku mwami wa Edomu abatuma ati:“Ibi ni vyo abavukanyi banyu b’Abisirayeli babasavye: Murazi ibihe bigoye twaciyemwo.15Ba sogokuruza bacu bagiye muri Egiputa, hanyuma tubayo imyaka myinshi cane. Abanyegiputa badukorera ikibi cane twebwe na ba sogokuru bacu,16ariko tumaze gutakambira Uhoraho, aratwumva aca atuma umumarayika adukura muri Egiputa.
Ubu rero turi ngaha i Kadeshi, igisagara kiri ku rubibe rw’igihugu canyu.17Nimutureke duce mu gihugu canyu. Ntituzoca mu murima n’umwe canke mu mizabibu, canke ngo tunywe amazi yo mw’iriba na rimwe. Tuzoca mw’Ibarabara ry’Umwami tudahindukira i buryo canke i bubamfu kugeza turenganye igihugu canyu.”18Ariko Abanyedomu babishura bati:
“Ntimuze muce hano; nimwanabigerageza, tuzosohoka tubatere tubagwanishe inkota.”19Abisirayeli babishura bati:
“Tuzokwijanira ibarabara rikuru, kandi yaba twebwe canke ibitungwa vyacu bizonywa ku mazi yanyu, tuzoyariha. Ico tugomba ni ukurengana nta kindi.”20Barasubira babishura bati:
“Ntimuze muce hano.”
Nuko Abanyedomu baraza kubatangira ngo babagwanye bafise ingabo nyinshi kandi zikomeye.21Abanyedomu bamaze kubima inzira ngo bace mu gihugu cabo, Abisirayeli barahindukira bicira ahandi.
Urupfu rwa Aroni
22Nuko Abisirayeli bose bava i Kadeshi baja ku musozi Hori.23Kuri uwo musozi Hori, hafi y’urugabano rwa Edomu, Uhoraho abarira Mose na Aroni ati:24“Aroni agiye gupfa ahamvye ab’iwabo. Ntazokwinjira mu gihugu ngiye guha Abisirayeli, kuko mwempi mwagararije itegeko ryanje ku mazi y’i Meriba.25Twara Aroni n’umuhungu wiwe Eliyazeri ku musozi Hori.26Wambure Aroni impuzu ziwe uzambike umuhungu wiwe Eliyazeri, kuko Aroni agiye guhamvya ab’iwabo, azopfira aho nyene.”27Mose akora nk’uko Uhoraho yamutegetse: Baduga wa musozi Hori ishengero ryose ribaraba.28Mose yambura Aroni za mpuzu ziwe azambika umuhungu wiwe Eliyazeri. Maze Aroni apfira aho nyene ku gatwe k’uwo musozi. Mose na Eliyazeri bamanuka wa musozi,29abantu bose bamaze kumenya ko Aroni yapfuye, Abisirayeli bose baramugandarira imisi mirongo itatu.Biblica, Inc.