Abalewi26

Impembo yo kwumvira

1Ntimuze mukore ibigirwamana canke ngo mwishingire ibishushanyo canke inkingi z’amabuye, kandi ntimuze mushinge ivyabajwe mu mabuye mu gihugu ngo muvyunamire. Ndi Uhoraho Imana yanyu.
2Muze mwitondere amasabato yanje kandi mwubahe ahera hanje. Ndi Uhoraho.
3Nimwitondera ivyo nashinze, mugashira umutima ku kwitondera amabwirizwa yanje,4nzobarungikira imvura mu gihe cayo, kandi isi izokwera ivyimburwa vyayo n’ibiti vyame ivyamwa vyavyo.5Iyimbura ryanyu ry’ingano rizogeza kw’iyimbura ry’inzabibu, n’iyimbura ry’inzabibu rishike mw’ibiba, kandi muzorya ivyo mugomba mube amahoro mu gihugu canyu.
6Nzobaha amahoro mu gihugu, kandi muzokwiryamira ata kintu kibaca ivutu. Nzokura ibikoko vyo mw’ishamba mu gihugu, kandi nta nkota izoca mu gihugu canyu.7Muzokinagiza abansi banyu, kandi bazokwicwa n’inkota imbere yanyu.8Batanu bo muri mwebwe bazokinagiza ijana, n’ijana bo muri mwebwe bakinagize ibihumbi icumi, kandi abansi banyu muzobamarisha inkota.
9Nzobarabisha ijisho ry’urukundo kandi nzobaha kurondoka mugwire, ngumizeho isezerano nasezeranye namwe.10Muzoba mukirya ivyo mwimbuye umwaka uheze, hanyuma murondere ingene mubisohora kugira ngo muronke aho mwimburira ivyeze.11Nzoshinga ihema ryanje hagati muri mwebwe, kandi sinzobaheba.12Nzogendera hagati yanyu, mbe Imana yanyu namwe mube abantu banje.13Ndi Uhoraho Imana yanyu, nabakuye muri Egiputa kugira ngo muve mu buja bw’Abanyegiputa. Navunaguye ivyuma vy’ingogo vyanyu ndabaha kugenda mwemye.

Ibihano ku batumvira

14Ariko nimutanyumvira ngo mwitondere aya mabwirizwa yose,15maze mugashiburira kure ivyo nashinze vyose mugakengera ivyagezwe vyanje mukananirwa no kwitondera amabwirizwa yanje yose, mukongera mukava mw’isezerano ryanje,16nanje uku ni ko nzobagirira: nzobateza ibibaca ivutu, ingwara zidakira n’akaranda bitume muba impumyi bibamare inkomezi. Muzobibira ubusa, kuko abansi banyu ari bo bazobirya.17Igitsure canje kizoguma kuri mwebwe bitume mutsindwa n’abansi banyu; ababanka ni bo bazobaganza, kandi muzohunga ata wubirukanye.
18Ivyo nibitatuma munyumvira, nzobahanira ivyaha vyanyu incuro indwi.19Nzovunagura ubwibone bwanyu ntume ijuru ribabera nk’icuma isi na yo ibabere nk’umuringa.20Muzoruhira ubusa, kuko igihugu kitazokwera ivyimburwa vyaco, canke ngo ibiti vyo mu gihugu canyu vyame ivyamwa vyavyo.
21Nimwashishikara kuba abansi banje mukanka kunyumvira, nzogwiza ivyago vyanyu incuro indwi ndabahora ivyaha vyanyu.22Nzobarungikira ibikoko vyo mw’ishamba bibatere, bibatware abana banyu, bihonye n’amasho yanyu bitume muba inkehwa maze amayira yanyu asigare agaragara.
23Naho nyene nimwanka kwemera ngo muhanurwe mugashishikara kuba abansi banje,24nanje nzohinduka umwansi wanyu ndabateze ivyago birushirije incuro indwi kubera ivyaha vyanyu.25Nzoca ndabateza inkota ndabahoye ko mwavuye mw’isezerano ryanje. Nimwahungira mu bisagara vyanyu nzobateza ikiza kandi muzogwa mu maboko y’abansi banyu.26Ninazibira aho mukura ivyokurya, abagore icumi bazoshobora gukarangira mu nkono imwe, kandi bazobagaburira ibipimwe, kandi naho muzobirya ntimuzohaga.
27Naho nzoba nabagiriye gutyo, nimwashishikara kuja kure yanje,28nanje nzobarakira ndabaje kure, kandi jewe ubwanje nzobahanira ivyaha vyanyu incuro indwi.29Muzorya inyama z’abahungu banyu n’abakobwa banyu.30Nzosambura ibibanza vyanyu vyo gusengeramwo ku misozi, n’ibicaniro vy’ibimota neza vyanyu nzobisenyurira hasi, ngerekeranye imivyimba yanyu ku bigirwamana vyanyu bitagira ubugingo, ndabanke urunuka.31Ibisagara vyanyu nzobihindura imisaka, nsambure ingoro musengeramwo, kandi n’ibimota neza vy’amashikanwa yanyu bizoba igisesema kuri jewe.32Jewe ubwanje nzosambura igihugu canyu, gushika aho abansi banyu bazokigereramwo bazotangara cane.33Nzobasanzariza mu mahanga nsokorore inkota yanje ndabakinagize. Igihugu canyu kizoba amatongo, kandi ibisagara vyanyu bizosigara ari imisaka.34Igihugu kizonezererwa imyaka y’amasabato yaco igihe cose kizoba ari amatongo namwe muri mu gihugu c’abansi banyu; igihugu na co kizoruhuka amasabato yaco.35Mu gihe cose kizoba ari amatongo, kizoruhuka akaruhuko k’amasabato kitaruhutse igihe mwari mukiri muri co.
36Nzotuma abasigaye ari amasigarira baranduka imitima bari mu bihugu vy’abansi babo, ku buryo n’akababi kaguruwe n’umuyaga gatuma bahunga. Bazokwiruka nk’abahunga inkota, maze bagwe hasi, naho ata n’umwe azoba ariko arabakinagiza.37Umuntu azotsitara kuri mugenziwe nk’aho boba bariko barahunga inkota, naho ata n’umwe azoba ariko arabakinagiza. Uko ni ko mutazoshobora guhagarara imbere y’abansi banyu.38Muzohonera mu mahanga; igihugu c’abansi banyu kizobatsontsomera.39Abazosigara bazohonera mu gihugu c’abansi banyu ku bw’ivyaha vyabo n’ivya ba sekuruza babo.
40Ariko nibatura ivyaha vyabo n’ivya ba sekuruza babo, ubuhemu bwabo n’urwanko banyanka jewe,41rwatumye nanje ndabazinukwa bigatuma ndabirukanira mu gihugu c’abansi babo, maze imitima yabo y’intakebwa igacishwa bugufi bakishura ivyaha bakoze,42nzokwibuka isezerano nasezeranye na Yakobo n’iryo nasezeranye na Isaka n’iryo nasezeranye na Aburahamu, bitume nibuka igihugu.43Kuko igihugu bazokivamwo na co kikanezererwa amasabato yaco igihe kizoba ari amatongo batakikibamwo. Bazokwishura ivyaha bakoze kuko bataye ivyagezwe vyanje bagatera ibitugu ivyo nihanikirije.44Ariko naho biri uko, igihe bazoba bari mu gihugu c’abansi babo, sinzobata canke ngo ndabahebe ngo bitume ndabaherengeteza rwose, ngo mve mw’isezerano nasezeranye na bo. Ndi Uhoraho Imana yabo.45Ariko ku bwabo nzokwibuka isezerano nasezeranye na ba sekuruza babo, abo nakuye mu gihugu ca Egiputa amahanga yose abibona, ngo mbe Imana yabo. Ndi Uhoraho.’ ”
46Ivyo ni vyo vyashinzwe, vyagezwe n’amabwirizwa, ivyo Uhoraho yashingiye ku musozi Sinayi, hagati yiwe n’Abisirayeli abicishije kuri Mose.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e