Abalewi25
Umwaka w’Isabato
1Uhoraho abarira Mose ari ku musozi Sinayi ati:2“Vugana n’Abisirayeli ubabwire uti: ‘Nimwinjira igihugu ngiye kubaha, ico gihugu ubwaco kize cubahirize Isabato y’Uhoraho.3Muze murime imirima yanyu imyaka itandatu, kandi muri iyo myaka itandatu muze mututurire imizabibu yanyu mwongere mwegeranye ivyimburwa vyayo.4Ariko mu mwaka ugira indwi isi ize ironke akaruhuko k’Isabato, Isabato y’Uhoraho. Ntimuze mubibe canke ngo mutere ikintu na kimwe mu mirima yanyu canke ngo mututurire imizabibu yanyu.5Ntimuze mwimbure ivyimejeje muri yo kandi ntimuze mwamure imizabibu yamye ku biti bidatuturiye. Isi ize ironke umwaka w’akaruhuko.6Ivyo imirima izokwama vyose bize bibe ivyokurya vyanyu, mwebwe ubwanyu, abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’abakozi banyu canke abashitsi bari i wanyu,7n’ibitungano vyanyu n’ibikoko vyo mw’ishamba vyo mu gihugu canyu. Ivyo igihugu kimejeje vyose bishobora kuribwa.Umwaka wa Yubile
8Muze muharure amasabato indwi y’imyaka, ni ukuvuga imyaka indwi incuro indwi, kugira ngo ayo masabato indwi y’imyaka akwize imyaka mirongo ine n’icenda.9Hanyuma muzoce muvuza inzamba hose ku musi ugira icumi w’ukwezi kw’indwi; ku musi wo gutanga ikimazi co kwicungura muze muvuze inzamba mu gihugu cose.10Muze mweze umwaka ugira mirongo itanu muri mu gihugu mwamamaze umwidegemvyo ku bakibamwo bose.11Uwo mwaka ugira mirongo itanu uze ube Yubile kuri mwebwe; ntimuze mugire ico mubiba canke mutera ngo mugire ico mwimbura ku vyimejeje canke ngo mwamure inzabibu ku mizabibu mutatuturiye.12Kuko izoba ari Yubile kandi izoba ari iyejejwe kuri mwebwe; muze murye ivyo mwamuye mu mirima.13Muri uwo mwaka wa Yubile umuntu wese aze asubire mw’itongo ryiwe.14Nimwagurisha itongo ku wo mu bwoko bwanyu canke mukarimugurira, ntihaze hagire uwuzimba uwundi.15Muze mugure amatongo y’abo mu bwoko bwanyu mukurikije imyaka mumaze Yubile ibaye. Kandi muze mugurishe amatongo kuri bagenzi banyu mukurikije imyaka isigaye yo kwimbura mu mirima yanyu.16Imyaka niyaba ari myinshi, muze muduze igiciro, na ho niyaba ari mike, muze mumanure igiciro, kuko ico muzoba muriko muragurisha ari igitigiri c’ibihe vyo kwimbura.17Ntihaze hagire uwurenganya uwundi, ariko muze mutinye Imana yanyu. Ndi Uhoraho Imana yanyu.18Muze mukurikize amategeko yanje kandi mwitwaririke kwumvira ivyagezwe vyanje, ni ho muzoba amahoro muri ico gihugu.19Aho ni ho igihugu kizokwera ivyamwa vyaco, namwe muzorya muhage kandi muzokibamwo mu mutekano.20Mwoshobora kubaza muti: “Tuzorya iki mu mwaka ugira indwi nitutatera ngo twimbure ivyimburwa vyacu?”21Nzobarungikira umugisha mu mwaka ugira gatandatu ku buryo imirima izotanga ivyimburwa vyo kubatunga imyaka itatu.22Mu gihe co kubiba mu mwaka ugira umunani, muzoba mukirya ibihitira kandi muzokomeza kubirya gushika aho muzokwimburira ivyo mu mwaka ugira icenda.23Ntihaze hagire uwugurisha itongo rimwe burundu, kuko amatongo ari ayanje namwe mukaba ba kavantara n’abakozi banje.24Mu gihugu cose muhawe ngo mucegukire, muze mutegurire amatongo igihe co gucungurwa.25Umwisirayeli wo mu bwoko bwanyu niyakena akagurisha igice c’itongo ryiwe, uwo mu ncuti ziwe za hafi aze acungure rya tongo yagurishije.26Ariko uwo muntu niyaba atagira uwo kumucungurira iryo tongo, ariko hanyuma agatunga akaronka ivyo kuricungura,27aze aharure ikiguzi gikwiranye n’igihe rimaze uhereye igihe yarigurisha ace asubiza ayasigaye uwari yariguze; aho rero azoce asubirana itongo ryiwe.28Ariko nataronka ivyo kurigaruza, aho yagurishije haze hagume ari aha nyene kuhagura kugeza ku mwaka wa Yubile. Haze hasubizwe kuri Yubile, hasubire kuba aha nyeneho.29Umuntu niyagurisha inzu iri mu gisagara kizitijwe inzitiro, azoba ashobora kuyicungura mu kiringo c’umwaka kuva igurishijwe. Muri ico kiringo gusa ni ho azoba ashobora kuyicungura.30Niyaba atashoboye kuyicungura ico kiringo kikamurengana, iyo nzu iri mu gisagara kizitijwe uruzitiro ize yegukire nyene kuyigura n’uruvyaro rwiwe. Ntize isubizwe mu gihe ca Yubile.31Ariko inzu ziri mu mihana ahantu hatagira inzitiro zize zifatwe nk’amatongo. Zirashobora gucungurwa, kandi zize zisubizwe kuri Yubile.32Abalewi bazokwama bafise uburenganzira bwo gucungura inzu zabo ziri mu bisagara vyagerewe Abalewi.33Nuko rero amatongo y’Abalewi ashobora gucungurwa; yaba inzu yagurishijwe iri mu gisagara ico ari co cose bagabiwe, kandi ize isubizwe mu gihe ca Yubile, kuko inzu muri ivyo bisagara vy’Abalewi ari umugabane wabo mu Bisirayeli.34Ariko ahantu h’uburagiro bwegukira ibisagara vyabo ntivyemewe kuhagurisha; ni umugabane wabo imyaka yose.35Umuntu wo mu bwoko bwanyu niyakena ntashobore kuronka ikimutunga kimubeshaho, muze mumufashe nk’uko mwobikorera umunyamahanga canke inyambukira iri muri mwebwe, kugira ngo ashobore kubaho muri mwebwe.36Ntimuze murondere kumuronkako inyungu iyo ari yo yose, ariko muze mwubahe Imana yanyu, kugira ngo uwo muntu wo mu bwoko bwanyu ashishikare kuba muri mwebwe.37Ntimuze mumugurane amahera mwiteze ko abungukira canke ngo mumugurisheko ivyo gufungura mugomba kumwungukako.38Ndi Uhoraho Imana yanyu, nabakuye mu gihugu ca Egiputa kugira ngo ndabahe igihugu c’i Kanani nongere ndababere Imana.39Nihagira uwo mu bwoko bwanyu aba umukene ari muri mwebwe hanyuma akigurisha kuri mwebwe, ntimuze mumukoreshe nk’umugurano.40Aze akoreshwe nk’umukozi aca ingero canke nk’umunyamahanga aba muri mwebwe, aze abakorere gushika ku mwaka wa Yubile.41Hanyuma we n’abana biwe baze bidegemvye, na we aze asubire mu muryango wiwe no mw’itongo rya ba sekuruza.42Kuko Abisirayeli ari abakozi banje, abo naguze nkabakura muri Egiputa, ntibaze bagurishwe nk’abagurano.43Ntimuze mubatwaze igitugu, ariko mwubahe Imana yanyu.44Abagurano n’abaguranokazi banyu baze bave mu mahanga abakikuje; muri abo ni ho muzoshobora kugura abagurano.45Mushobora kandi kubagura mu bantu b’inyambukira baba muri mwebwe no mu bo mu miryango yabo bavukiye iwanyu, na bo bazoba inyegu zanyu.46Mushobora no kubaraga abahungu banyu kandi mushobora kubatunga nk’abagurano ubuzima bwabo bwose, ariko ntimuze mutwaze amanyama Umwisirayeli mugenzi wanyu.47Uwo mu banyamahanga aba muri mwebwe niyatunga maze uwo mu bwoko bwanyu agakena akigurisha kuri uwo munyamahanga aba muri mwebwe canke ku bo mu muryango wiwe,48aze agumane uburenganzira bwo gucungurwa amaze kwigurisha, uwo mu ncuti ziwe ashobora kumucungura.49Sewabo canke inarume canke muvyarawe canke incuti iyo ari yo yose yo mu muryango wiwe ishobora kumucungura; canke niyatunga, ashobora kwicungura.50We n’uwo yamuguze baze baharure uhereye umwaka yamuguzemwo kugeza ku mwaka wa Yubile. Igiciro co kumucungura kize giharurwe bakoresheje impembo y’umukozi muri iyo myaka yose.51Nihaba hasigaye imyaka myinshi, aze arihe igice kinini c’amahera yaguzwe.52Nihaba hasigaye imyaka mike ngo Yubile ishike, aze aharure amahera asigaye abe ari yo ariha.53Aze afatwe nk’umukozi yahawe akazi ku mwaka ku mwaka; muze mubikurikirane neza kugira ngo uwo yamuguze ntamutwaze amanyama.54Naho atoshobora gucungurwa muri ubwo buryo, we n’abana biwe baze bidegemvye mu mwaka wa Yubile,55Kuko Abisirayeli ari abakozi banje, abo naguze nkabakura muri Egiputa. Ndi Uhoraho Imana yanyu.Biblica, Inc.