Abalewi24

Amatara

1Uhoraho abwira Mose ati:2“Ubarire Abisirayeli bazane amavuta ya elayo ateguwe neza yo gucana amatara, kugira ngo azogume yaka ibihe vyose.3Mw’Ihema ry’Ibonaniro, hino y’igitambara gikingira Isandugu y’Isezerano, ni ho Aroni azoyatereka kugira ngo yame yaka adahengeshanya imbere y’Uhoraho, kuva ku mugoroba gushika mu gitondo. Iryo rize ribe ibwirizwa rihoraho uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi.4Ayo matara aze yame ashirwa ku giterekwako amatara c’inzahabu itavanze imbere y’Uhoraho ubudasiba.
5Muze mufate ifu mucumbe imikate icumi n’ibiri, mukoresheje bibiri vya cumi vy’ingero efa ku mukate umwe umwe.6Muze muyitondeke ku mirongo ibiri, ku murongo wose hajeko itandatu itandatu, ku meza ikozwe mu nzahabu itavanze imbere y’Uhoraho.7Muze mushire ibimota neza i ruhande y’umurongo wose, bibe ku mikate nk’icibutso, nk’ishikanwa riturirwa imbere y’Uhoraho.8Iyo mikate ize yame ishirwa imbere y’Uhoraho ubudasiba, uko Isabato ikurikirana n’iyindi, kubw’Abisirayeli, nk’isezerano ridahera.9Izoba ari iya Aroni n’abahungu biwe, na bo baze bayirire ahera, kuko ari umugabane wera cane bagerewe kuzohora baronka ku mashikanwa atuririwe Uhoraho.”

Uwatutse Imana akwiye kwicishwa amabuye

10Umusi umwe habaye amatati aho bari bacumbitse, hagati y’Umwisirayeli n’umuhungu yari afise se w’Umunyegiputa na nyina w’Umwisirayelikazi.11Maze uwo muhungu w’Umunyegiputa n’Umwisirayelikazi atuka rya Zina ararivuma; maze baca bamuzanira Mose. (Nyina wiwe yitwa Shelomite, umukobwa wa Diburi wo mu muryango wa Dani.)12Baca bamushira mw’ibohero gushika bamenyeshejwe neza ubugombe bw’Uhoraho.
13Nuko Uhoraho abwira Mose ati:14“Sohora uwo yatutse izina ryanje inyuma y’aho mucumbitse. Maze abamwumvise bose babe ari bo barambika ibiganza ku mutwe wiwe, maze ikoraniro ryose rimwicishe amabuye.15Bwira Abisirayeli uti: ‘Nihagira uwuvuma Izina ry’Imana yiwe, azobizira;16umuntu wese azotuka izina ry’Uhoraho aze yicwe. Ikoraniro ryose rize rimwicishe amabuye. Yaba imvukira canke umunyamahanga aba muri mwebwe; niyatuka iryo zina, aze yicwe.
17Nihagira uwica umuntu, na we aze yicwe.18Nihagira uwica igitungano c’uwundi aze akirihe, ubugingo bwishurwe ubundi.19Umuntu niyakomeretsa mugenziwe, ico azoba yakoze na we aze agikorerwe.20Imvune ihorwe iyindi, ijisho rihorwe irindi, iryinyo rihorwe irindi. Uko azoba yakomerekeje mugenziwe, na we aze abe ari ko akomeretswa.21Uwishe igikoko aze akirihe, ariko uwishe umuntu aze yicwe.22Muze mugire itegeko rimwe ku munyamahanga n’imvukira. Ndi Uhoraho Imana yanyu.’ ”
23Nuko Mose avugana n’Abisirayeli, na bo bafata wa muntu yatutse izina ry’Uhoraho bamujana inyuma y’aho bacumbitse. Abisirayeli bakora nk’uko Uhoraho yari yategetse Mose.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e