Intimba4
1Ese ukuntu inzahabu yacuye,inzahabu nziza yataye ubwiza bwayo!Amabuye y’urusengero yandagaye hasimu mayira no mu mpande zose.2Ese ukuntu abahungu beza b’i Siyoni,bahora baremereye nk’inzahabu,ubu bameze nk’inkono z’ibumba,igikorwa c’amaboko y’umubumvyi!3N’imbwebwe zironsamu kugaburira ivyana vyazo,ariko abantu banje babaye abatagira umutimabameze nk’ikinyoni citwa otirishe mu bugaragwa.4Kubera inyota ururimi rw’uruhinjarwafatanye n’amagage;abana barasega umukate,ariko nta n’umwe abaha na mba.5Abahora barya ibishwashwagirabishwe n’inzara mu mayira.Abakuze bambara impuzu z’inyambarabamiubu barara ku magunira y’imyavu.6Igihano c’abantu banjekirengeye ic’ab’i Sodomu,bamwe barandurwa mu kanya isaseata wo kubatabara.7Abaganwa baho barera derere kurusha shelegimbere barera kurusha n’amata,imibiri yabo yari ikomeye nk’amabuye,mu maso habo basa n’ibuye ry’agaciro ryitwa lapisi lazuli.8Ariko ubu barirabura kurusha umwijima w’umuzitanya;mu nzira nta wushobora kubamenya.Urukoba rwabo rwafatanye n’amagufa yabo;rwarumye nk’inkoni.9Abicwa n’inkota bapfa neza kurutaabicwa n’ikigoyi.Kubera gusonza, barapfabishwe no kubura ivyokurya vyo mu mirima.10Abagore, naho bagirira impuhwe abana babo,barabatetse n’amaboko yabo,maze barabaryaigihe abantu banje bariko barahona.11Uhoraho yadusutseko uburake bwiwe bwose;yarekuye uburake bwiwe bwaka nk’umuriro.Yadometse umuriro i Siyoniuturira amatanguriro yaho.12Abami bo mw’isi ntibavyizera,canke umuntu n’umwe wo mu baba kw’isi,ko abansi n’abakeba boshobora kwinjiraamarembo y’i Yerusalemu.13Ariko vyashitse kubera ivyaha vy’abavugishwa b’ahon’ukugabitanya kw’abaherezi b’aho,bahashesheamaraso y’abagororotsi.14Bagendagenda mu mayira y’ahonk’abantu b’impumyi.Bahumanijwe n’amarasoku buryo ata n’umwe yubahuka gukora no ku mpuzu zabo.15Abantu barasemerera bati: “Igirayo! Murahumanye!”“Nimuje kure! Nimuje kure! Ntimudukoreko!”Bariko barahunga bangara,abantu bo mu mahanga bavuga bati:“Ntibagikwiye kuguma hano na gatoya.”16Uhoraho ubwiwe ni we yabasabagije;ntakiri umwungere wabo.Abaherezi ntibacubahwa,n’inararibonye ngo zigirirwe akagongwe.17Vyongeye, amaso yacu yaruhijweno kwitega ugutabarwa kandi kutari buboneke;twarerekeye ku minara yacuturaba ihanga ritashobora kudutabara.18Abantu baguma bareretse intambuko zacu zose,kubera ivyo ntitwacaruka ngo tugendagende mu mabarabara iwacu.Iherezo ryacu ryari hafi, imisi yacu yari iharuwe,kuko iherezo ryacu ryari rishitse.19Abaduhiga banyarukank’inkona mu kirere;badukinagiza ku misozikandi batubundiye mu bugaragwa.20Uwasizwe amavuta n’Uhoraho, ari we ubugingo bwacu bwenenako,yafashwe n’imitego yabo.Twiyumvira ko musi y’igitutu ciweari ho tuzoba turi mu mahanga.21Nezerwa kandi uhimbarwe, yewe mukobwa w’i Edomu,wewe uba mu gihugu c’i Uzi.Ariko na wewe igikombe cawe kizoza;uzoborerwa, ute impuzu ugende gusa.22Igihano cawe kizohera, yewe mukobwa w’i Siyoni;ntazokwongereza igihe cawe co kuba mu kinyago.Ariko azohana ivyaha vyawe, wewe mukobwa w’i Edomu,agaragaze ububi bwawe.
Biblica, Inc.