Intimba3
1Ndi umuntu yabonye imibabarobivuye ku nkoni y’uburake bw’Uhoraho.2Yantwaye kure atuma ngenderamu mwijima atari mu muco;3ni ukuri, ukuboko kwiwe kwahindukiriye kungwanya,kwongera kwisubiriza, rikarinda rirenga.4Yatumye urukoba rwanje n’umubiri wanje bisazakandi yavunaguye amagufa yanje.5Yaranyugarije ankikizaumururazi n’ingorane.6Yampaye kuba mu mwizank’abapfuye kera.7Yanyubakiye uruzitiro ngo sinshobore guhunga;yambohesheje iminyororo.8Mbere n’iyo ntakamvye canke ngatabaza nsaba uwomfasha,yugaranira hanze ugusenga kwanje.9Yugarishije inzira yanje ibihongo vy’amabuye;yatumye inzira zanje zigoramanga.10Nk’idubu riryamira kwica,nk’intambwe ibunda irindiriye ico ifata,11ni ko yankuye mu nzira arantabagura,ansiga ntagira gitabara.12Yafoye umuheto wiweantumberezako imyampi yiwe.13Yatobekeranishije umutima wanjeimyampi akuye mu bubiko bwiwe.14Nahindutse ikiyago c’abantu banje bose iyo bagomba kuba baratwenga;bantwengera mu ndirimbo zabo rikarinda rirenga.15Yangaburiye ivyatsi birura,anywesha ibirura cane.16Amenyo yanje yayahongoje kurya urucekeri rw’amabuye;yantsindagiye mu mukungugu.17Yarambujije kuronka amahoro;nibagiye icitwa gutera imbere.18Maze ndavuga nti: “Ubwiza bwanje burahezehamwe n’ivyo nari niteze k’Uhoraho vyose.”19Nibuka umubabaro wanje no kwama nangara,kwama ku mururazi n’uburozi.20Ndavyibuka vyose neza,umutima wanje ukadendebukirwa.21Ariko ibi ni vyo nibukabikantera ivyizigiro:22Ni uko kubera urukundo ruhambaye rw’Uhoraho tutazoherengetezwa,kuko imbabazi ziwe zamaho ibihe vyose.23Zama ari nsha uko bukeye;ubwizigirwa bwawe buratangaje.24Ndibwira muri jewe nti: “Uhoraho ni we mugabane wanje;ni co gituma nzomwitega.”25Uhoraho agirira neza abamwiteze,abamurondera bose;26ni vyiza kwitega ducerejeagakiza k’Uhoraho.27Ni vyiza ko umuntu yikorera ingogoigihe akiri muto.28Niyicare wenyene acereje,kuko Uhoraho yayimuremetse.29Niyubike mu maso hiwe,kuko kumbure haracariho ivyizigiro.30Natege umusaya wiwe uwuwukubita,yuzure ibiteterwe.31Kuko Imana ataweiheba burundu.32Naho ateza umubabaro, azogira ikigongwe,urukundo rwiwe rwinshi rwamaho.33Kuko atazana imibabaro abishakacanke ngo ababaze umuntu n’umwe.34Gufyonyorera musi y’ibirengeimbohe zose zo mu gihugu,35kwima abantu uburenganzira bwaboimbere y’Iyisumbavyose,36kurenganya umuntu mu rubanza,mbega Imana ntizobibona?37Ni nde yovuga ibintu bikabaImana itari yo yabitegetse?38Mbega si mu kanwa k’Iyisumbavyosehava ivyago n’ivyiza?39None ni igiki gituma umuntu yidodombanimba ahaniwe ivyaha vyiwe?40Nimuze twisuzume turabe inzira zacu,maze tugaruke k’Uhoraho.41Dutarikire imitima yacu n’amaboko yacuImana yo mw’ijuru, tuvuge tuti:42“Twaragucumuyeko turakugararizanawe ntiwatubabariye.43Witwikiriye uburake, maze uradukinagiza;utwica ata kagongwe.44Wipfutse igicukugira ngo ugusenga ntikugushikire.45Waduhinduye nk’umwavu n’agakengerwemu mahanga.46Abansi bacu bose buguruye akanwa kabocane mu kutugwanya.47Twabaye mu mibabaro itewe n’ubwoba no gutsindwa,imisaka no gusangangurwa.”48Imigende y’amosozi itemba iva mu maso yanjekuko ubwoko bwanje buranduwe.49Amaso yanje azorira ubudahengeshanya,ata guhozwa,50kugeza Uhoraho aravye kw’isiari mw’ijuru akabibona.51Ivyo mbona binzanira umubabaro mu mutimakubera abagore bo mu gisagara cacu.52Ababaye abansi banje ata nyanduruko,bampiga nk’inyoni.53Bagerageje kunsuka mu cobomaze bandundako amabuye;54amazi yarandengeye ku mutwe,maze ndihebura ko nzimanganye.55Nambaje izina ryawe, yewe Uhoraho,ndi i bwina bw’icobo.56Wumvise ugutaka kwanje: “Ntiwugare amatwi ngo ureke kwumvaugutakamba kwanje ndondera ugutabarwa.”57Waregereye igihe nagutakambira,maze uvuga uti: “Ntutinye.”58Ewe Mana, wafashe mu minwe urubanza rwanje;wacunguye ubugingo bwanje.59Ewe Uhoraho, wabonye ibibi nagiriwe.Ncira urunkiza!60Wabonye uburyo bagomba kunyihora,wabonye imigabo yose bangiriye.61Yewe Uhoraho wumvise ibitutsi vyabo,n’inama bangira zose,62ivyo abansi banje bongorerana bakagabirakuri jewe rikarenda rirenga.63Barabe! Bicaye canke bahagaze,bavuga amajambo y’agahemo mu mvyino zabo zose.64Basubirize mu nkoko ivyo bakwiranye, yewe Uhoraho,ku vyo amaboko yabo yakoze.65Shira uruhumyi ku mitima yabo,kandi umuvumo wawe ube kuri bo!66Ubakurikire mu burake bwawe maze ubaherengetezemusi y’amajuru y’Uhoraho.
Biblica, Inc.