Intimba5
1Wibuke, yewe Uhoraho, ivyatubayeko;raba, ubone ibiteterwe turimwo.2Ishamvu yacu yahawe abo tutazi,amazu yacu yahawe abanyamahanga.3Twahindutse impfuvyi zitagira ba se,kandi ba mama babaye abapfakazi.4N’amazi yo kunywa turayagura;n’inkwi ducana tuzironka dutanze amahera.5Abadukinagiza badufashe ku gakanu;turaremerewe, nta gahengwe dufise.6Twunamiye Egiputa na Ashurikugira ngo turonke ivyokurya tubeho.7Ba sogokuruza bacu baracumuye kandi ntibakiriho,ariko twikoreye igihano cabo.8Abagurano ni bo batuganza,kandi nta n’umwe wo kudukura mu maboko yabo.9Turonka ivyokurya mu guheba amagara yacukubera inkota iri mu bugaragwa.10Urukoba rwacu rurashushe nk’itanure,kubera ubushe bw’inzara.11Abagore bafashwe ku nguvu i Siyoni,n’abakobwa mu bisagara vy’i Buyuda.12Abaganwa bamanitswe n’amaboko yabo;inararibonye ntizicubahwa.13Abasore baruhishijwe n’ibikorwa vyo gusya;abahungu badandabiranishwa n’imiganda y’inkwi.14Inararibonye zavuye kw’irembo ry’igisagara;abasore bahagaritse kuririmba.15Umunezero wose waragiye uva mu mitima yacu;intambo zacu zahindutse ikigandaro.16Urugori rwarakorotse ruva ku mutwe wacu.Turagowe, kuko twacumuye!17Ni ku bw’ivyo imitima yacu icitse intege,ni ku bw’ivyo amaso yacu atakibona neza,18kuko umusozi Siyoni wabaye imisaka,wabaye ikirimbiro ry’imbwebwe.19Wewe Uhoraho, uraganje ibihe bidashira;ingoma yawe izokwamaho uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi.20Mbega ni kuki wama utwibagira?Ni kuki waduhevye igihe kingana uku?21Utugarukane kuri wewe, yewe Uhoraho, natwe turagaruka;udusubize imyaka yacu ya kera,22kiretse nimba waraduhevye ibihe vyose,ukaba waraturakiye birenze urugero.
Biblica, Inc.