Abacamanza21

Baronderera abagore Ababenyamini

1Igihe Abisirayeli bari bahuriye i Misipa bagira baje kugwanya Ababenyamini, bari barahiye bati: “Nta n’umwe wo muri twebwe azoshingira umukobwa wiwe Ababenyamini.”
2Inyuma y’intambara n’Ababenyamini, abantu bose baca bahurira i Beteli, bicara imbere y’Imana gushika ku mugoroba, baborogana umubabaro mwinshi,3bavuga bati: “Uhoraho, Mana ya Isirayeli, ni kubera iki ibi vyashikiye Isirayeli, bituma umuryango umwe uzimangana muri Isirayeli?”
4Bukeye mu gatondo ka kare, abantu bubaka igicaniro bashikana ibimazi bituriwe hamwe n’ibimazi vy’ishimwe.
5Abisirayeli baca barabaza bati: “Ni nde wo mu miryango ya Isirayeli atari kumwe natwe i Misipa aho twakoranira imbere y’Uhoraho?” Babajije gutyo kubera bari barahiriye imbere y’Uhoraho ko uwutazokwifatanya na bo azokwicwa.
6Maze Abisirayeli bagandarira benewabo ari bo Babenyamini, bavuga bati: “Uno musi umwe mu miryango ya Isirayeli wazimanganye.7None abacitse kw’icumu tuzobakwera abagore gute ko twarahiriye imbere y’Uhoraho ko ata mukobwa wacu tuzobashingira?”8Barabaza bati: “Nta muryango wo mu Bisirayeli utakoraniye hamwe natwe imbere y’Uhoraho i Misipa?” Basanga nta n’umwe w’i Yabeshi Gileyadi yaje muri iryo koraniro.9Kuko bamaze guharura abari bahari bose, basanze ata wo muri Yabeshi Gileyadi yari ngaho.
10Ikoraniro rica rigena abasoda ibihumbi cumi na bibiri bamenyereye intambara, ngo baje i Yabeshi Gileyadi, bicishe inkota ababayo bose, harimwo abagore n’abana11Bababwira bati: “Uku abe ari ko muzobagenza: muzotikize abagabo n’abahungu bose, hamwe n’abagore bose batakiri inkumi.”12Baca basanga mu baba i Yabeshi Gileyadi harimwo inkumi amajana ane batararyamana n’abagabo, baca babatwara mw’ikambi i Shilo muri Kanani.
13Ikoraniro ryose ry’Abisirayeli rica rirungika intumwa ku masigarira y’Ababenyamini bari ku gitandara c’i Rimoni kubabwira ko bashaka ko babana amahoro.14Nuko Ababenyamini basubira iwabo, bahabwa za nkumi z’i Yabeshi Gileyadi zari zazigurijwe. Ariko ntibabakwiye.
15Abantu bose bagira umubabaro mwinshi ku bw’Ababenyamini kuko Uhoraho yari yaciye igihengeri mu miryango ya Isirayeli.16Abari barongoye ikoraniro baravuga bati: “Mbega abagabo basigaye bo muri bene Benyamini tuzobaha abagore dukuye he ko abagore bose bo mu muryango wa Benyamini bapfuye?”17Barongera bati: “Amasigarira yo mu muryango wa Benyamini ategerezwa kuronka abagore kugira ngo uwo muryango wa Isirayeli ntuzimangane ibihe vyose.18Ntidushobora kubaha abakobwa bacu kuko twarahiye tuti: ‘Azoba avumwe umuntu azoshingira umukobwa wiwe ku muntu wo mu muryango wa Benyamini.’19Baravugana bati: Ehe raba, hariho isabukuru y’Uhoraho uko umwaka uheze ibera i Shilo, mu buraruko bwa Beteli no hakuno y’inzira iva i Beteli ija i Shekemu, hamwe no mu bumanuko bwa Lebona.”
20Baca babwira abo mu muryango wa Benyamini bati: “Muzogende mwinyegeze mu mizabibu,21nimwabona abakobwa b’i Shilo bakoranye ngo batangure gutamba, muzoce muva mu mizabibu, umwe wese acakire umukobwa umwe amutware mu ntara ya Benyamini abe umugore wiwe.22Ba se babo canke basaza babo nibatwitwarako tuzobabwira tuti: ‘Nimutugirire ubuntu mubafashe, kuko tutashoboye kubaha abagore muri ya ntambara. Mwebwe nta co mwagirizwa kuko si mwebwe mwabashingiyeko abakobwa banyu.’ ”
23Ababenyamini babikora uko babibwiwe. Mu gihe abakobwa bariko baratamba, umwe wese aca asumira umukobwa umwe aramutwara ngo abe umugore wiwe. Baca basubira mu ntara yabo, basubira kwubaka ibisagara, babibamwo.
24Inyuma y’ivyo Abisirayeli baca basubira inyuma bamwebamwe bose mu miryango yabo, baja mu ntara zabo.
25Muri ico gihe, Abisirayeli nta mwami bari bafise, umuntu wese yakora ibintu uko avyumva.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e