Abacamanza20

Abisirayeli bahana Ababenyamini

1Abisirayeli bose uhereye i Dani ugashika i Berisheba no mu ntara ya Gileyadi baza bafise umutima umwe, bakoranira i Misipa imbere y’Uhoraho.2Harimwo n’abarongozi b’imiryango ya Isirayeli. Abasoda bari ibihumbi amajana ane bitwaje inkota.3Abo mu muryango wa Benyamini baramenya ko Abisirayeli baduze i Misipa. Abisirayeli bavuga bati: “Tubwire ingene iryo bara ryaguye.”
4Wa Mulewi, ari we mugabo wa wa mugore yishwe, aca ababwira ati: “Twe n’umugore wanje twashitse i Gibeya muri bene Benyamini ngo turareho.5Mw’ijoro haza abagabo b’i Gibeya bakikuza inzu twarimwo, bagomba kunyica. Ni ko gufata umugore wanje bakamusambanya gushika apfe.6Naciye mfata umugore wanje, ndamucamwo ibice icumi na bibiri, ndabirungika mu ntara zose zahawe Isirayeli, kuko aba bantu bakoze icaha c’agahomerabunwa.7None yemwe Bisirayeli, nimuvyiyumvire maze mugire ico mukoze.”
8Bose bahagurukira rimwe bahuje umutima n’inama, bavuga bati: “Nta n’umwe muri twebwe asubira i muhira. Nta n’umwe!9Ahubwo Nguku uko tuja kugirira Gibeya: Reka tugire ubupfindo dutore abaja kuhatera.10Turatoranya ic’icumi c’abo mu miryango yose ya Isirayeli kugira ngo baje kuronderera ivyokurya ingabo. Abasoda bacu nibashika i Gibeya muri bene Benyamini, babakorere ibikwiranye n’ico caha giteye isoni bakoreye muri Isirayeli.”11Nuko Abisirayeli bose bahuriza umutima n’inama hamwe ko baja gutera ico gisagara.
12Imiryango ya Isirayeli irungika intumwa muri bene Benyamini bati: “Vyangenze gute ngo ivyaha vy’agahomerabunwa nk’ivyo bikorerwe muri mwebwe?13Nimuduhe izo nkozi z’ibibi z’i Gibeya kugira ngo tuzice, dukure ikibi muri Isirayeli.”
Ariko bene Benyamini ntibumvira benewabo b’Abisirayeli.
14Ahubwo bava mu bisagara vyabo, bakoranira i Gibeya ngo bagwanye Abisirayeli.15Bene Benyamini bakoranya abasoda ibihumbi mirongo ibiri na bitandatu bagwanisha inkota bavuye mu bisagara vyabo, biyongera ku bandi amajana indwi batoranijwe mu baba i Gibeya.16Muri abo harimwo abasoda amajana indwi bari abanyebamfu, bashobora guteza ibuye umugozi, bagatumbereza umushatsi ntibawuhushe.
17Ingabo zo mu Bisirayeli bandi, havuyemwo bene Benyamini, bari bafise abasoda ibihumbi amajana ane bagwanisha n’inkota, bamenyereye intambara.
18Abisirayeli baca baduga i Beteli, babaza Imana bati: “Ni nde muri twebwe akwiye gutera bene Benyamini ubwa mbere?”
Uhoraho abishura ati: “Yuda nabe ari we agenda imbere.”
19Bukeye Abisirayeli baravyuka bashinga amahema hafi y’i Gibeya.20Abasoda ba Isirayeli baja kugwanya bene Benyamini, bashinga ibirindiro hafi y’i Gibeya.21Abasoda bo muri bene Benyamini bavuye i Gibeya bica Abisirayeli ibihumbi mirongo ibiri na bibiri uwo musi.22Ariko Abisirayeli barongera baterana intege, basubira ku birindiro vyabo, aho baheruka kugwanira.23Kuko Abisirayeli bari baduze i Beteli kuririra Uhoraho kugeza izuba rirenze, basaba Imana bavuga bati: “Dusubire tuduge gutera bene Benyamini benewacu?”
Uhorago abishura ati: “Nimugende mubatere.”
24Abisirayeli barasubira begereza bene Benyamini umusi ugira kabiri.25Uwo musi na ho nyene bene Benyamini basohoka kubatangira, babicamwo abandi ibihumbi cumi n’umunani bazi kugwanisha inkota.
26Maze Abisirayeli bose baca bongera kuduga i Beteli bicarayo, baririra imbere y’Uhoraho umusi wose, barisonzesha gushika rirenze, bashikanira Uhoraho ibimazi bituriwe hamwe n’amashikanwa y’ishimwe.27Abisirayeli barondera mu nyonga z’Uhoraho. Muri ico gihe Isandugu y’Isezerano y’Imana yari ikiri aho,28na Finehasi mwene Eliyazeri, Eliyazeri mwene Aroni yari umuherezi. Barabaza bati: “Dusubire tuduge kugwanya Ababenyamini benewacu? Canke tureke?”
Uhoraho ababwira ati: “Nimugende kuko ejo nzobarekurira mu maboko yanyu.”
29Maze Abisirayeli baragenda babunda inyuma y’i Gibeya bahakikuje.30Batera Ababenyamini umusi ugira gatatu, bagira ibirindiro nk’uko bari babigize ubwa mbere.31Ababenyamini barasohoka baza kubagwanya, barabirukana bava mu gisagara. Batangura kubica nk’ubwa mbere, Abisirayeli mirongo itatu bagwa mu gahinga no mu mabarabara aja i Beteli n’i Gibeya.32Ababenyamini bakiriko baravuga bati: “Turabanesheje nk’ubwa mbere,” Abisirayeli na bo bariko baravuga bati: “Reka tumere nk’abahunga dusubira inyuma tubakwege bave mu gisagara baje mu mabarabara.”
33Abisirayeli bose baca bava aho bari bari bagira ibirindiro i Bayali-Tamari, abari babibundiye na bo baca baratera ku ruhande rwo hirya rwa Gibeya.34Abantu ibihumbi cumi bazi kugwana cane bavuye mu Bisirayeli bose baba ari bo baja imbere batera Gibeya. Urugamba rwari rukomeye cane, ariko Ababenyamini ntibari bwamenye amakuba abarindiriye.35Uhoraho aha Abisirayeli kunesha Ababenyamini, uwo musi Abisirayeli bica Ababenyamini ibihumbi mirongo ibiri na bitanu n’ijana bari bazi kugwanisha inkota.36Ababenyamini baca barabona ko baneshejwe.
Abisirayeli bari bigize nk’abahunze imbere y’Ababenyamini kuko bari bizigiye ko bamwe binyegeje baca baronka ingene batera i Gibeya.
37Maze abari binyegeje baca binjira ubwo nyene mu gisagara i Gibeya, baririkisha inkota ababayo bose.38Bari bumvikanye ko abo binyegeje bamaze kwinjira baca baturira ibintu vyinshi hakaduga umwotsi mwinshi mu kirere nk’ikimenyetso,39hanyuma Abisirayeli babonye uwo mwotsi, bagaca batera Ababenyamini.
Ababenyamini bari bamaze kwica Abisirayeli mirongo itatu, baca bibwira bati: “Turiko turabanesha nk’ubwa mbere.”
40Ariko wa mwotsi upfundutse uduga uva mu gisagara, Ababenyamini barahindukira babona umwotsi w’igisagara cose uduga kw’ijuru.41Abisirayeli baca barabahindukirira, Ababenyamini baca batekerwa n’ubwoba, kuko bari babonye ko uguhona kubashitseko.42Baca bahunga Abisirayeli baja mu bugaragwa, ariko ntivyakunda ko bahunga, kuko Abisirayeli bari mu gisagara baciye babatangira.43Nuko Abisirayeli bakikuza Ababenyamini, barabakurikira babafatira mu buseruko bwa Gibeya.44Abasoda ibihumbi cumi n’umunani bo muri bene Benyamini bamenyereye intambara bagwa muri iyo ntambara.45Bahindukiye ngo bahungire mu bugaragwa ku gitandara c’i Rimoni, Abisirayeli bicira ibihumbi bitanu mu nzira. Babandanya gusugereza bene Benyamini gushika i Gidomu, bica abandi ibihumbi bibiri.
46Kuri uwo musi, abasoda ibihumbi mirongo ibiri na bitanu bo muri bene Benyamini bagwanisha inkota barishwe, kandi bose bari abahizi bakomeye.47Ariko amajana atandatu yo mu Babenyamini barashoboye guhungira mu bugaragwa ku gitandara c’i Rimoni, aho bamaze amezi ane.48Abisirayeli baca basubira mu bisagara vy’Ababenyamini baririkisha inkota ababibamwo bose, harimwo ibitungwa n’ikindi kintu cose bahasanze. Igisagara cabo cose bashikira baca bagiturira.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e