Rusi1

Nawomi na Rusi

1Mu gihe Abisirayeli baganzwa n’abacamanza, hateye inzara mu gihugu, maze umugabo umwe w’i Betelehemu mu karere ka Yuda, hamwe n’umugore wiwe n’abahungu biwe babiri, baja kuba baraba mu gihugu c’i Mowabu.2Uwo mugabo yitwa Elimeleki, umugore wiwe yitwa Nawomi, abahungu biwe na bo bitwa Mahiloni na Kiliyoni. Abo bari Abanyefurata baba i Betelehemu, mu karere ka Yuda. Nuko baja i Mowabu babayo.
3Haheze igihe, Elimeleki, umugabo wa Nawomi, arapfa, Nawomi asigarana n’abahungu biwe babiri.4Mu nyuma abo bahungu barongora Abanyamowabukazi, umwe yitwa Orupa uwundi akitwa Rusi. Bamazeyo nk’imyaka icumi,5Mahiloni na Kiliyoni na bo nyene barapfa. Nawomi asigara wenyene abahungu biwe bompi n’umugabo wiwe bamaze gupfa.

Rusi afata ingingo yo kugumana na Nawomi

6Nawomi akiri i Mowabu yumva ko Uhoraho yatabaye abantu biwe akabarungikira ivyokurya. Nuko yitegura gusubira mu gihugu ciwe hamwe n’abakazana biwe.7Ava aho yaba ari kumwe n’abakazana biwe bafata inzira isubira mu karere ka Yuda.
8Ariko Nawomi abwira abakazana biwe ati: “Nimwisubirire inyuma, umwe wese aje mu nzu kwa nyina. Uhoraho aze abagirire neza nk’uko mwatugiriye twe n’abahisi.9Uhoraho aze abahe impore mu ngo muzoja kwubakamwo.”
Nuko arabagumbira arabasezera, bose bararira cane,
10baca baramubwira bati: “Turajana nawe mu bwoko bw’iwanyu.”
11Ariko Nawomi arababwira ati: “Nimwisubirire iwanyu, bakobwa banje. Ni igiki cotuma mujana nanje? Mbega nzosubira kuvyara abandi bahungu, ngo bababere abagabo?12Nimwitahire iwanyu, bakobwa banje; kuko ndashaje cane nta mugabo wundi nkironka. Naho nokwiyumvira ko ngifise ibindi vyizigiro vyo kuronka umugabo iri joro nyene nkavyara abahungu,13mbega mwobarindira gushika bakuze? Mworeka kurongorwa mubarindiriye? Oya ntivyokunda, bakobwa banje. Ivyanje ni umururazi kurusha ivyanyu, kuko Uhoraho ubwiwe yambanguriye ukuboko kwiwe!”
14Bumvise ivyo bongera kurira cane. Maze Orupa agumbira inabukwe aramusezera, ariko Rusi amwumirako.
15Nawomi abwira Rusi ati: “Raba mugenzawe arisubiriye mu b’iwabo no ku mana ziwe. Ehe jana na we.”
16Ariko Rusi aramwishura ati: “Reka kunyingingira kuvana nawe canke gusubira inyuma ngo ndaguhebe. Aho uzoja ni ho nzoja, aho uzoba ni ho nzoba. Ihanga ryawe ni ryo rizoba ihanga ryanje kandi Imana yawe ni yo izoba Imana yanje.17Aho uzopfira ni ho nzopfira, kandi ni ho bazompamba. Uhoraho aze abimpanire, mbere birushirije, nihagira ikintandukanya na wewe atari urupfu.”18Nawomi amaze kubona ko Rusi yafashe ingingo ntabanduka yo kujana na we, ntiyasubira kumwinginga.
19Abo bagore uko ari babiri baragenda gushika bashitse i Betelehemu. Bahashitse, abo mu gisagara bose bazira rimwe kubaraba. Abagore baho baravuga bati: “Mbega uwu si Nawomi?”
20Na we arababwira ati: “Ntimunyite Nawomi, munyite Mara, kuko Iyishoboravyose yahinduye ubuzima bwanje umururazi ukomeye.21Nkigenda nta co nari nkenye, ariko Uhoraho angarukanye ata kintu na kimwe mfise. None ni igiki cotuma munyita Nawomi? Uhoraho yanteje amagorwa; Iyishoboravyose yanteje ivyago.”
22Nuko Nawomi agaruka avuye i Mowabu ari kumwe n’umukazana wiwe Rusi, Umunyamowabukazi, bashika i Betelehemu mu gihe iyimbura ry’ingano ryari ritanguye.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e