Abacamanza19

Umulewi n’umuhabara wiwe

1Muri ico gihe, Abisirayeli nta mwami bari bafise.
Hariho Umulewi yaba kure cane mu karere k’imisozi ya Efurayimu. Umusi umwe akura umugore i Betelehemu h’i Buyuda amuzana i muhira nk’umugore wa kabiri.
2Ariko uwo mugore ntiyemera kugumana na we, asubira iwabo kwa se i Betelehemu.3Haciye amezi ane, umugabo wiwe afata ingingo yo kuja kumugarukana. Agenda ajanye umukozi wiwe n’indogoba zibiri. Wa mugore aramwakira, amushikana mu nzu kwa se. Se amubonye amwakirana urweze.4Sebukwe aramugobera aguma ngaho gato, na we ahamara imisi itatu, asangira na bo, aryama ngaho.
5Ku musi ugira kane bazinduka kare, baritegura ngo bagende, ariko sebukwe aramubwira ati: “Banza ufungure hanyuma muheze mugende.”6Nuko bompi baricara, bararya, baranywa. Hanyuma se w’umukobwa amubwira ati: “Ndakwingize usubire urare, unezereze umutima wawe.”7Wa mugabo asubira kwizindura ngo agende, sebukwe yongera kumugobera, asubira kuharara irindi joro.8Mu gatondo k’umusi ugira gatanu, azindutse kugira ngo agende, sebukwe aramubwira ati: “Akira imfungurwa ufungure, uraba uragenda n’inyuma y’umutaga.” Nuko bamara uwundi musi.
9Wa mugabo n’umugore wiwe hamwe n’umukozi wiwe bahagurutse ngo batahe, sebukwe aramubwira ati: “Ehe raba bugira bwire; umusi usa n’uwurangiye, rara iri joro unezereze umutima wawe, hanyuma ejo uzozinduke witahira.”10Ariko kuko uwo mugabo atashaka gusubira kuharara irindi joro, aca afata inzira ija i Yebusi ari ho i Yerusalemu, ari kumwe n’umugore wiwe na za ndogoba zibiri ziriko amatandiko yazo.
11Begereje i Yebusi, bwari bumaze kwira cane, wa mukozi abwira shebuja ati: “Ingo tuje mu gisagara c’Abayebusi dusabeho indaro.”
12Shebuja aramubwira ati: “Oya ntibishoboka. Ntitwinjira mu gisagara c’abanyamahanga, kitabamwo Abisirayeli. Turabandanya dushike i Gibeya.13Reka tubandanye turabe ko twoshika i Gibeya canke i Rama, turaza gusaba indaro muri ivyo bisagara.”14Nuko barabandanya, izuba rirenga begereje i Gibeya mu ntara ya Benyamini.15Bajayo kugira ngo baharare. Baragenda bahagarara ku mbuga y’igisagara ariko ntihagira n’umwe abakira ngo abahe indaro.
16Kuri uwo mugoroba, haza umutama ava mu karere k’imisozi ya Efurayimu aba i Gibeya yari atashe avuye mu mirima. (Abantu baba ngaho bava mu umuryango wa Benyamini).17Abonye izo ngenzi ziri ku mbuga y’igisagara, abaza ati: “Muva he, mukaja he?”
18Wa mugabo arishura ati: “Tuvuye i Betelehemu h’i Buyuda tuja kure cane mu karere k’imisozi ya Efurayimu, ni ho mba. Nahora i Betelehemu h’i Buyuda, ubu nkaba ndiko nsubira i muhira ariko habuze n’umwe yompa indaro y’iri joro.19Turifitiye ivyokurya bikwiye vy’indogoba zacu n’ivyacu twebwe abasavyi bawe, jewe, uwu musavyikazi, n’uwu musore turi kumwe. Nta na kimwe dukeneye.”
20Wa mutama arababwira ati: “Nimushike muhira iwanje, ndabaha ivyo mukeneye vyose. Nawe nu ntimworara ku mbuga.”21Nuko arabashikana mu nzu, agaburira n’indogoba ziwe. Ahejeje kuboza ibirenge, baca barasangira ivyokurya.
22Bakiriko baranezeranwa, abantu b’inkozi z’ibibi bo mu gisagara baraza bakikuza iyo nzu. Batangura guhondagura ku muryango bahamagara uwo mutama, bavuga bati: “Sohokana uwo mugabo aje kurara mu nzu yawe tumusambanye.”
23Uwo mutama arasohoka ababwira ati: “Oya bagenzi banje, ndabinginze ntimukore ikibi kingana gityo. Uwu muntu ni umushitsi wanje, ntimukore igiterasoni nk’ico.24Ehe raba mfise umukobwa w’isugi, hari kandi n’umugore w’uwu mugabo. Reka ndababasohokanire mubakoze ico mushaka. Ariko uwo mugabo, ntimumukorere igiterasoni nk’ico.”
25Ariko ba bantu ntibamwumviriza. Wa mugabo aca afata wa mugore wiwe amuterera hanze, bamukuranwako bamusambanya ijoro ryose, maze bugiye guca baramurekura.26Umutwenzi utamanzuye, wa mugore aca asubira ku nzu ya wa mutama, aho umugabo wiwe yari ari, ariko aca agwa imbere y’umuryango, agumaho gushika bukeye.
27Mu gitondo, wa mugabo avyutse, yugurura umuryango, arasohoka ngo abandanye urugendo, asanga aho wa mugore yaguye imbere y’umuryango, afashe igishimaryango.28Aramubwira ati: “Haguruka tugende.” Ariko wa mugore ntiyamwishura. Wa mugabo aca amushira ku ndogoba, aramutahana.
29Bashitse i muhira, wa mugabo aca afata imbugita, amucagaguramwo ibihimba icumi na bibiri, abirungika mu miryango icumi n’ibiri y’Abisirayeli.30Abantu bose babibonye baravuga bati: “Ububi nk’ubu ntibwari bwakaboneke kuva Abisirayeli bavuye muri Egiputa. Nimuvyiyumvireko, muheze mutubwire ico twokora.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e