Yobu9
Yobu
1Maze Yobu asubizayo ati:2“Ni ukuri ndazi ko ari uko biri.Nta muntu buntu yogororoka mu nyonga z’Imana.3N’uwogomba kuyiburanya,mu bibazo igihumbi ntiyoshobora kuyishura na kimwe.4Ifise ubwenge bwinshi kandi ni Inyenkomezi.Ni nde yayigararije akayiva imbere amahoro?5Yimura imisozi itayigishije inama,mu burake bwayo ikayubika.6Itigitishiriza isi mu kibanza cayo,inkingi zayo zikanyiganyiga.7Itegetse, izuba ntiriseruka,n’inyenyeri ntizaka.8Ni yo yonyene yagaranzuye amajuru,ikagendagendera ku mipfunda y’ikiyaga.9Ni yo yaremye imigwi y’inyenyeri yitwa Dubu, Oriyoni,Kilimiya n’imigwi y’izo mu bumanuko.10Ikora ibitangaza ata wobitahura,n’ibimenyetso bitoharurika.11Inciye i ruhande sindayibona,indenganye sindayumva.12Mbega inyakuye uwo ishaka ni nde yoyitangira?Ni nde yonayibaza ati: ‘Ivyo ugize ni ibiki?’13Imana ntihagarika uburake bwayo.Mbere n’ibiyoberane bikomeye vyo mu kiyaga birunama ku birenge vyayo.14Mbega jewe noyihaririza nte?Amajambo yo kuyiburanya noyakura he?15Naho ata co nzira, simfise ico noyisubiza;ico nshobora gukora ni ugusaba imbabazi gusa.16Naho noyitwarira ikitaba,sinzi ko yonantega ugutwi.17Kuko n’ubu irantera ikamvunaguza ibihuhusi,ikanyuzuzako ibikomere ata nyanduruko.18Ntizondeka ngo mire amate,ahubwo inyuzuza amarushwa.19Tuvuze ivy’inkomezi, ni yo ishobora vyose!Mu vy’ubutungane, ni nde yoyirengutsa?20Naho noba nera, akanwa kanje ni ko kontsindisha,naho noba ngororotse, koncira urubanza ko ntsinzwe.21Naho ngororotse,sincibabaye.Ngaye ubuzima bwanje.22Ngororoka, ntagororoka, vyose ni co kimwe.Ni co gituma mvuga nti:‘Irandurana umugororotsi n’umunyakibi.’23Iyo icago gihwikiye abagororotsi kikabica,Imana irabaraba mu magorwa yabo ikitwengera.24Isi yose iri mu biganza vy’abanyakibi,Imana na yo igahuma amaso y’abacamanza.Nimba atari yo ibigira none ni nde?25Imisi yo kubaho kwanje yiruka gusumvya uwusiganwa;iguruka ata n’amahirwe na makeya.26Yirasa nk’ubwato bukozwe mu rufunzo,nk’inkona yirasa igomba ico ifata.27Hamwe nofata ingingo nti: ‘Hinge niyibagize imyidodombo yanje,mve mu mibabaro yanje, nce mu maso, mwenyure,’28na ho nyene nogumana ubwoba bw’imibabaro yanje yose,kuko nzi ko utazoncira urunyeza.29None ko niteze gutsindwa n’urubanza,ndiko ndansha nokora iki?30Naho nokwiyogesha isabune,iminwe yanje nkayikarabisha iyeza cane,31womvumbagaza mu kinogo c’ivyondogushika aho n’impuzu nambaye zinyanka.32Imana si umuntu apfa nkanje ku buryo noyihaririza,canke ngo duharirire imbere y’intahe.33Ese iyaba hariho umuhuza hagati yanje na yo,agashobora kutwicarika hamwe twempi,34agashobora kubuza Imana kunkubita,igitinyiro cayo kikareka kuntera ubwoba.35Ni ho nanje noshobora kuyivugisha ntayitinya.Ariko si ko biri, ndi jenyene rudende.Biblica, Inc.