Yobu10

1Nzinutswe ubuzima bwanje;ni co gituma ncura intimba ata kwigumya,ngasesa umururazi uri mu mutima wanje.2Mbwire Imana nti: Ntuntsindishe,ariko niwerekane ico unyagiriza.3Mbega unezerejwe no kumpahaza,no gukengera igikorwa c’amaboko yawe,mu gihe uriko uramwenyura uraba imigambi y’abanyakibi?4Mbega wewe ufise amaso nk’ay’abantu,canke ubona ibintu nk’uko abantu bapfa babibona?5Imisi yo kubaho kwawe ingana n’iy’abantu bapfa,canke imyaka yawe ingana n’iy’umuntu akomeye,6ku buryo urondera kumenya ukugabitanya kwanje,no kubona ivyaha vyanje?7Urazi neza ko ata kibi kinyagira,kandi ko ata wushobora kunkiza ukuboko kwawe.
8Wambumbishije ukuboko kwawe, ni wewe muremyi wanje.Kandi ni wewe undanduye burundu.9Ibuka ko wambumvye mw’ivu;none ugomba unsubize kuba ivu ubu nyene?10Mbega ntiwambitse kurya babika amata bagomba ko avura,ukambumba kurya babumba isoro ry’amavuta?11Ni wewe wanyambitse umubiri n’inyama,nyubakisha amagufa n’imitsi.12Ni wewe wampaye ubuzima, unyereka n’urukundo rwinshi.Ukunyitaho kwawe ni kwo kwazigamye ubugingo bwanje.
13Ariko iki ni co wagize ibanga mu mutima wawe,kandi ndazi ko ibi wari ubifise mu vyiyumviro vyawe;14kugira ngo ninacumura, ube uriko uranyitegereza,hanyuma ntureke ngo icaha canje kigende kidahanywe.15Ewe ndagowe nimba hari ico nagirizwa!Ariko naho noba nera, sinokwunamura umutwe,kuko nuzuye ibimaramare,kandi nyitswa n’umubabaro wanje.16Iyo nunamuye umutwe, umpiga nk’uko bahiga intare,kandi ukansukako ububasha bwawe butangaje.17Igihe cose wama uzana ivyagiriji bisha vyo kuntsindisha,ukangwizako ubushangashirwe bwawe,ibitero vyawe bikanzako nk’imipfunda yisubiriza.
18None ni igiki catumye unkura mu nda ya mama?Iyo mpfuma mpfa ata wurankubita ijisho.19Iyo mpfuma mba uwutabayeho,canke ngatwarwa mu mva nkiva mu nda ya mama.20Mbega sinsigaje imisi mike yo kubaho?Ehe nundeke na gatoya mpumeke,21imbere y’uko nja iyo batagaruka,mu gihugu c’umubabaro n’umwijima mwinshi,22mu gihugu c’umwijima w’umuzitanya,umuzitanya urimwo umuvurungano,aho umuco umeze nk’umwijima.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e