Yobu8

Biludadi

1Maze Biludadi Umunyeshuhi yishura ati:2“Mbega uzogeza ryari kuvuga ibintu nk’ivyo?Amajambo yawe ameze nk’igihuhuta c’umuyaga.3Mbega Imana iraca urwa ngondagonde?Iyishoboravyose irahotora umugororotsi?4Abana bawe barayicumuyeko,yabahaye igihano gihwanye n’ivyo bakoze.5Ariko wewe woronderana Imana umwete,ukinginga Iyishoboravyose,6ukayitunganira, ukayigororokera,naho bimeze uku yohaguruka ikaza kugutabara,ikagusubiza mu vyiza wahozemwo.7Naho intango yawe yari nto,imisi y’iherezo ryawe izoba myiza cane.
8Baza urunganwe rwo hambere,ushire umutima ku vyo ba sogokuruza baciyemwo.9Kuko twebwe twari abana b’ejo,kandi imisi tumara hano kw’isi imeze nk’igitutu.10None ntibazokwigisha?Ugira ngo ntibazokubwira ijambo bakuye mu gutahura kwabo?11Mbega urufunzo rwokura rutari ahantu hajaga?Canke irenga ryokura ritari mu mazi?12Bikiriko birakura, ata n’uwubitemye,vyotanga ibindi vyatsi vyose kwuma.13Uko ni ko abantu bose baretse Imana bamera;ivyizigiro vy’abatubaha Imana birakamangana.14Ivyo bizigira vyose birashira,ivyo bishimikiza bimeze nk’inzu y’igitangurirwa.15Begamira inzu zabo, ariko ntizigumye,bazishirako umutima cane, ariko ntizihagarara.16Bameze nk’igiterwa kivomerewe neza kikaronka n’izuba,gikwiza amashami yaco mw’itongo.17Gisobeka imizi yaco hagati mu bitandara,kikironkera ikibanza hagati mu mabuye.18Ariko iyo kiranduwe aho cameze,aho hantu haracihakana hakavuga hati:‘Sinigeze ndakumenya.’19Ubuzima bwaco buba buhereye aho,maze ibindi bigaheza bikamera aho cahora.
20Erega Imana ntiheba umuntu atayicumuyeko,canke ngo ikomeze amaboko y’abanyakibi.21Akanwa kawe izokuzuza ibitwengatwenge,iminwa yawe na yo iyuzuze impundu.22Abansi bawe bazoteterwa,kandi inzu z’abanyakibi ntizizoba zikiriho.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e