Yobu7
1Mbega uwuri kw’isi wese ntaba akiri mu ntambara?Imisi yiwe ntimeze nk’iy’umucangero?2Nk’uko umugurano yipfuza igitutu ku zuba,canke umushumba arindirana igishika agahembo kiwe,3Ni ko nanje nahawe amezi y’amagorwa,nongera nshirirwaho amajoro y’umuruho.4Iyo ndyamye nibaza nti: ‘Mbega buca ryari?’Ijoro ririkwega, nanje nkagaragurika bukarinda buca.5Umubiri wanje utwikiriwe n’inyo,urukoba rwanje ruriko ibisebe,hanyuma rugaturika amashira.6Imisi yanje yihuta kurusha ikijishisho c’impuzu,ariko irangiye ntafise ivyizigiro.7Ndakwinginze, ewe Mana, wibuke ko ubuzima bwanje bumeze nk’impwemu zihumetswe,kandi amaso yanje ntazosubira kubona umunezero.8Amaso ambona uno musi ntazosubira kumbona,uzondondera, ariko sinzoba nkiriho.9Nk’uko igicu gisanzara kikazimangana,ni ko uwuja i kuzimu mu mva adasubira kugaruka.10Ntazogaruka i muhira iwe;inzu yiwe ntizosubira kumumenya.11Ni co gituma ntashobora guhora,ntegerezwa kuvuga kubera umubabaro wo mu mutima wanje,nzokwidodomba kubera umururazi uri mu mushaha wanje.12Mbega mbaye ikiyaga, canke igisizimwe co mw’ibenga,aho uncungisha umuragizi?13Iyo ngiye kuryama nibwira ko uburiri bunyirura,canke ko umusego ungabanya imibabaro,14na ho nyene uncisha ivutu ivyo ndota,ukandanduza umutima ivyo nerekwa.15Ni co gituma numva nopfuma mpfa nizwe,hako nguma mu mubiri wanje meze gutya.16Numva nanse ubuzima bwanje, sinkeneye kubandanya mbaho.Nundeke kuko imisi yo kubaho kwanje nta co imaze.17Mbega umuntu ni iki aho umwitaho,aho umwitwararika cane?18Ukamusuzuma uko bukeye,ukamugeza akanya kose?19Mbega uzoreka kunshinga ijisho ryari,ngo untezurire na gatoya mire amate?20Yewe murinzi w’abantu, nimba naragucumuyeko,nakoze icaha nyabaki?Ni kuki ari jewe uhiga?Mbega nakuremereye?21Ni kuki utamparira ibigabitanyo vyanje,ngo ubabarire ibicumuro vyanje?Kuko buca nja mu mukungugu,kandi uzondondera, ariko ntuzoba ukimbona.”
Biblica, Inc.