Yobu6
Yobu
1Yobu yishura ati:2“Iyaba umubabaro wanje washobora kugerwa,amarushwa yanje agashirwa ku munzane!3Ni ukuri vyoremera kuruta umusenyi wo ku kiyaga.Ni co catumye nsuka amajambo ntiyumviriye.4Imyampi y’Iyishoboravyose irantobekeranije,umutima wanje uriko unywa ubumara bwayo.Ibiteye ubwoba biva ku Mana biransagirije.5Mbega indogoba y’inyeshamba irabira ifise ubwatsi,canke impfizi yokwabira ifise ivyo irya?6Mbega indya zitagira akanovera zoribwa zitagira umunyu,canke hari uburyohe buri mu murenda w’irigi?7Ivyokurya nk’ivyo singomba no kubikorako;bintera iseseme.8Ese icompa nkishurwa,Imana ikampa ico ndayitezeko,9Ikemera kumfyonyora,ikaramvura ukuboko kwayo ikanzimanganya.10Ivyo vyondemesha,no mu mibabaro ngasimbishwa n’umunezero,kuko ntigeze ntirimuka ku majambo y’Uwera.11Mbega inkomezi mfise ni izihe, zotuma nkomeza kugira ivyizigiro?Ni igiki cotuma nkomeza kwihangana?12Mbega mfise inkomezi nk’iz’ibuye?Canke umubiri wanje ukozwe mu mwakaka?13Mbega ubu hari ubushobozi ngifise bwo kwifasha,kandi ata kintu ngikora ngo gikunde?14Umuntu wese atagirira ubugwaneza mugenziwe,aba yerekanye ukutubaha Iyishoboravyose.15Abagenzi banje barampemukiye, bambera nk’imigezi itamana amazi,nk’imigezi yuzura amazi mu gihe c’imvura gusa,16iyo irengewe n’ugukama kw’urubura,hamwe n’ugushonga kwa shelegi.17Ntiheza ngo isubire gutemba, igihe c’ici kije,yumvise ubushuhe imigende yayo ica ikamangana.18Umugwi munini w’abari ku rugendobakikevya ngo bizimye inyota, ariko bakabura amazi,maze bakaduga mu bugaragwa, bakagwayo.19Umugwi munini w’ab’i Tema bari ku rugendo barondeye amazi,n’ingenzi z’abadandaza b’i Sheba baronderanye ivyizigiro,20ariko bicuza igituma bizigiye iyo migende,kuko bahashitse ivyizigiro bigahera.21None namwe mugaragaye ko ata co muri bumarire;mwabonye amarushwa ndimwo muhinda agashitsi.22Mbega ni kubera iki? Hari ico nabasavye?Nigeze ndabasaba ngo muntangire impongano mu butunzi bwanyu?23Nigeze ndabasaba ngo munkize ukuboko kw’umwansi wanje?Canke ngo munkure mu maboko y’abampahaza?24Nimunyigishe nanje ndacereza;nimunyereke aho nihenze.25Amajambo y’ukuri burya arababaza!Ariko ibihari vyanyu bishika ku ki?26Mbega mushaka kumpinyuza,mu guhindura ubusa amarira y’ukwihebura kwanje?27Erega mweho mbona n’impfuvyi mwoyipfindanirako,umukunzi wanyu mukamugurisha!28Ariko noneho nimungirire impuhwe, munyitegereze!Noba nabesheye mu maso yanyu?29Nimwiyumvire neza, mureke kunyagiriza ikibi,kuko ndi umugororotsi.30Mbega hari amajambo y’ukugabitanya mwanyumvanye?Mbega akanwa kanje kananiwe no gutandukanya ikibi n’iciza?Biblica, Inc.