Yobu5
1Nimba ushaka, tabaza, ariko ni nde azokwitaba?Uwo mu bera wokwikorako ni nde?2Igipfu cicwa n’inzigo,imburabwenge ikicwa n’ishari.3Jewe ubwanje narabonye igipfu gishinga imizi,ariko ubwo nyene inzu yaco ica iravumwa.4Abana baco babura uwubitaho,batsindwa n’urubanza kuko ata wubaburanira.5Abashonje barya ivyimburwa vyaco,mbere bakabikura no hagati mu mahwa,abanyotewe na bo bimarira inyota ku butunzi bwaco.6Imibabaro ntimera iva mw’isi,kandi ingorane ntizimera ziva mw’ivu.7Ariko umuntu aba akivuka ingorane zikazakurya kw’amasase ataruka.8Ariko iyo mba wewe, mba nituye Imana;urubanza rwanje akaba ari yo ndaruha.9Ni yo ikora utwumiza tudatahurika,n’ibimenyetso bitoshobora guharurwa.10Ni yo igwisha imvura kw’isi,ikarungika amazi yo kuvomera imirima.11Ni yo ishira hejuru ba nyarucari,abari mu kigandaro ikabatabara.12Yica integuro z’abakoresha urwenge,amaboko yabo akabura ico ashikako.13Ifatira abigira abanyabwenge mu bugunge bwabo,kandi inama zabo ikazisambura.14Umwijima ubahwikira ku murango,mu mashoka bakazimagirika nko mw’ijoro.15Ikiza abakene inkota yo mu kanwa kabo,ikabakura mu vyara vy’abanyenkomezi.16Abakene baraheza bakagira ivyizigiro,akarenganyo kakazibwa akanwa.17Hahiriwe uwukosorwa n’Imana!None rero ntukengere gutozwa indero n’Iyishoboravyose.18Ni yo ikomeretsa, ariko ni na yo isomora,ni yo ikubita, ariko ukuboko kwayo ni kwo gukiza.19Ni yo izogukiza ibiza bitandatu,kandi ivyago indwi ntakizogushikako.20Mu gihe c’amapfa izogukiza urupfu,mu ntambara izogukiza inkota.21Izogukingira akarimi k’abakuvuga nabi,kandi ntuzotinya agatikizo nikashika.22Uzotwenga agatikizo n’amapfa,kandi ntuzotinya ibikoko vyo mw’ishamba.23Uzobana impore n’amabuye yo mu mirima,n’ibikoko vyo mw’ishamba muzobana amahoro.24Uzoraba ingene ugira amahoro mu nzu yawe,kandi niwasuzuma ubutunzi bwawe uzosanga ata gihaze.25Uzibonera ingene abana bawe baba benshi,kandi uruvyaro rwawe ruzomera nk’ivyatsi vyo kw’isi.26Uzoshika mu mva wisaziye,nk’umukama w’ingano wimbuwe hageze.27Ivyo twaravyihweje dusanga ni ukuri.None nawe nuvyumve bigire ico bikwigishije.”
Biblica, Inc.