Yobu4
Elifazi
1Maze Elifazi w’i Temani aca avuga ati:2“Mbega uwokwubahuka akagira ico avuze, wokwihangana?Ariko kandi ni nde yoshobora guhora ntavuge?3Ibuka ingene wigishije benshi,n’ingene wateye intege abadendebukiwe.4Amajambo yawe yashigikira abariko baratemba,agakomeza abafise amavi areganutse.5Ariko ubu ivyago biraguteye, none urihebuye;bigushitseko, none ucitse ivutu.6Mbega kwubaha Imana kwawe, ntigukwiye kukuremesha,kuba inyankamugayo ntigukwiye kugutera ivyizigiro?7Gerageza wibuke: hari intungane yazimanganijwe,canke umugororotsi yaranduwe?8Jewe naritegereje, nsanga abarima ikibi,n’ababiba amagorwa ari vyo bimbura.9Imana ibahushe baca bazimangana,bakamarwa n’igihuhusi c’uburake bwayo.10Intare zirashobora kuroha no kwivuga,ariko, Imana ivunagura amenyo y’izikomeye kurusha izindi.11Intare irapfa kubera yabuze ico irya,ibibuguru vyayo vyose bigashwiragira.12Hari ijambo ryanshikiriye mw’ibanga,ugutwi kwanje kuryumva nko mu vyongoshwe.13Ryaje kurya kw’indoto zihagarika umutima w’umuntu mw’ijoro,igihe itiro riremera abantu,14maze mfatwa n’ubwoba bwinshi no guhinda agashitsi,amagufa yanje arajugumira.15Impwemu yaciye imbere yanje,maze umubiri wanje uramerereza.16Hanyuma irahagarara,ariko sinashobora kubona uko imeze.Haje ishusho ihagarara imbere y’amaso yanje,maze numva ijwi ryongorera, riti:17‘Mbega umuntu apfa yogororoka gusumvya Imana?Umuntu buntu yotungana kurusha Umuremyi wiwe?18Nimba Imana itizigira abakozi bayo,igatora amakosa abamarayika bayo,19mbega ntibirushirije ku bantu baba mu nzu z’ibumba,urufatiro bubatseko rukaba ari umukungugu,bagafyonyorwa vyoroshe gusumba inzu y’umuswa!20Mu gitondo baba ari bazima, ku mugoroba bakaba bavunaguwe,bakagenda akagirire, ntihagire n’uwuvyitaho.21Imigozi y’ihema ryabo irakwezwe, na ryo riratemvye.None ntibapfuye nk’imburabwenge?’Biblica, Inc.