Yobu3
Yobu yicuza kuba yaravutse
1Inyuma y’ivyo, Yobu yugurura akanwa aravuga, avuma umusi yavukiyeko.2Avuga ati:3“Umusi navukiyeko urakazimangana,n’ijoro havuzwe ngo: ‘Umwana w’umuhungu yasamwe inda.’4Uwo musi uragahinduka umwijima;Imana ntakawibuke,kandi ntukarasirwe n’umuco.5Urakizizirwa n’umwijima w’umuzitanya,igicu cirabura kiwutere,n’ubwirakabiri buwutwikire.6Iryo joro riragacakirwa n’umwijima;ntiriharurwe mu misi igize umwaka,canke ngo rishirwe mu misi igize ukwezi.7Iryo joro rirakaba ingumba;ntihagire impundu zumvikana muri ryo.8Abahinga bo kuvuma nibarivume,bamwe bashobora gukangura Leviyatani .9Igitondo cawo kiragahinduka umwijima,kirindire umuco kitari buronke,ntikibone n’imishwarara ya mbere yo mu gitondo,10kuko kitanyugaraniye mu nda yanyibungenze,kugira ngo kimpishe amakuba ndiko ndabona.11Ni kuki ntapfumye mpfa nkivuka,ngacikana nkiva mu nda?12Ni kuki mama yandetse nkabaho,akampa ibere ryiwe nkaryonka?13Iyo andeka nkipfira, ubu mba niruhukiye mu mahoro,mba nisinziririye, ntekanye.14Mba nduhukanye n’abami n’abatware b’isi,abari bariyubakiye amazu akomeye, ariko ubu ari imisaka.15Mba nduhukanye n’abatware bari bafise inzahabu,bari barujuje amazu yabo amafeza.16Canke mbega ni kuki ntahambwe nk’inda ikorotse,nkamera nk’umwana atabayeho ngo abone umuco?17Mu mva abanyakibi bararuhuka,abananiwe bakaronka uburuhukiro.18Imbohe zinezerezwa no kworoherwa;ntizisubira kwumva urwamo rw’abashoreye abagurano,19Abahambaye n’aboroshe ni yo bari,kandi abagurano ntibakiganzwa na ba shebuja.20Ni kuki umuco urasira abari mu marushwa,abafise imitima ituntuye bagahabwa ubuzima?21Bararondera urupfu ntibaruronka,naho borurondera nk’abarondera ubutunzi buhishije.22Baranezerwa cane,bagahimbarwa iyo bashitse mu mva.23Ni kuki ubuzima buhabwa umuntu atabona n’iyo aja,uwo Imana yugarije n’imibabaro?24Ukubiha ni yo ndya yanje,kuboroga ni yo mazi nywa.25Ivyo natinya ni vyo bimbayeko,ivyantera ubwoba ni vyo binshikiye.26Nta mahoro ngira, sintekaniwe.Singira akaruhuko, ahubwo ndi mu makuba.”Biblica, Inc.