Yobu38

Uhoraho na we aravuga

1Maze Uhoraho avuganira na Yobu mu gihuhusi, ati:2“Mbega uwo ni nde agira ubusa imigambi yanje,mu majambo yiwe atagiramwo ubwenge?3Kenyera magabo rero uze,kuko mfise ivyo ngomba kukubaza,nawe uheze unyishure.
4Mbega wari hehe igihe nashiraho imfatiro z’isi?Nyishura nimba ufise ico ubitahurako.5Ni nde yayitambutse amatambwe, nimba ubizi?Ni nde yayipimishije umugozi?6Ibinogo vy’inkingi zayo vyimbwe mu ki?Ni nde yayishiriyeho amabuye y’imfuruka,7igihe inyenyeri zo mu gaturuturu zaririmbira hamwe,abana b’Imana na bo bagatera impundu?
8Ni nde yashingiye akarimbi ikiyaga igihecari gisendanishije nk’ikivuye mu nda,9nkacambika ibicu nk’umutamana,nkagitwikira umwijima w’umuzitanya,10igihe nagishingira uburimbi,nkagishiriraho imiryango n’ivyugazo,11nkavuga nti: ‘Aha ni ho uzogarukira,imipfunda yawe yiterera hejuru ntizorenge aha’?
12Mbega warigeze utegeka umusi kubaho,canke ngo wereke umutwenzi aho utamanzurira?13Warigeze utegeka umuco ngo ukwire impera z’isi zose,kugira ngo wirukane ibikorwa bibi vyo mu mwijima?14Umuco iyo uje, isi igira imero kurya kw’ibumba rigiyeko ikidodo;kurya kw’impuzu ishizweko ibisharizo.15Inkozi z’ibibi bazimye umuco zikeneye,ukuboko kwazo kudugijwe hejuru kuravunaguwe.
16Mbega uragendagenda ugashika kw’isoko ry’ikiyaga,canke uratembera ngo ushike i bwina haco?17Mbega urerekwa amarembo y’urupfu?Urabona amarembo y’igitutu c’urupfu?18Mbega uratahura ubunini bw’isi?Nyishura niwaba ubizi.
19Nyereka inzira ija iwabo w’umuco,n’aho umwijima uba.20Mbega wobiherekeza ukabishikana aho biba?Urazi inzira ija ku mihana yavyo?21Ariko ndazi urabizi kuko wavutse bitararemwa,kandi ukaba uri inararibonye!
22Mbega uramaze kwinjira mu bubiko bwa shelegi,canke uramaze kubona ububiko bw’urubura,23ivyo naziganirije imisi y’ivyago,ari yo misi y’intambara n’ingwano?24Mbega umuravyo uravya uvuye hehe?Canke umuyaga wo mu buseruko ukwira kw’isi uvuye hehe?25Ni nde yaciriye isegenya imigende ishungurukamwo,agacira inzira umuravyo?26Ni nde agwisha imvura kw’isi itamera,no mu bugaragwa butagiramwo abantu?27Ni nde arungika imvura ngo inyweshe isi igadutse,kugira ngo imere ibiterwa?28Mbega imvura irafise se yayivyaye?Ni nde yavyaye ikime?29Urubura rwavuye mu nda ya nde?N’ibicu bikanye cane vyavyawe na nde?30Iyo igikonyozi kije, amazi ahinduka nk’ibuye,hejuru ku mazi y’ikiyaga hakagumarara.
31Mbega wofata inyenyeri ukazibuza kugendagenda?Canke ukabohora imigozi y’inyenyeri zitwa Oriyoni?32Woshobora gutuma ibihe bigenda bikuranwa n’ibindi?Ukarongora idubu n’ivyana vyaryo?33Mbega urazi amategeko agenga ijuru?Mbega ni wewe ugerera Imana ubutware kw’isi?
34Mbega woshobora gukankamira ibicu,kugira ngo bigusukeko isegenya y’imvura?35Ni wewe urungika imituragaro mu nzira zayo?Mbega iraza ikakwiyereka ikakubwira iti: ‘Ehe twaje’?36Mbega ni nde ashira ubwenge mu mitima,imitwe akayiha ugutahura?37Ni nde afise ubwenge bwomushoboza guharura ibicu?Ni nde yohengeka imibindi y’amazi yo mw’ijuru,38iyo isi yakomantaye nk’igitandara,ibinonko bikibumba?
39Mbega ni wewe uhigira intambwe ico irya,canke ni wewe uhaza inzara y’intare?40Iyo zibunze mu vyobo vyazo,canke iyo zitegurira gutera mw’ishamba?41Iyo ibikona bishonje,bikansemerera kugira ngo ndabigaburire,ni wewe ubihaza?

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e