Yobu37
1Kubera ivyo umutima wanje uradidagizwa,ugahakwa kuncamwo.2Nimwumvirize namwe, mwumve ijwi ry’ukwivuga kwayo,mwumve ugukankama kw’akanwa kayo.3Irekurira imiravyo yayo musi y’ijuru hose,ikaravya gushitsa ku mpera z’isi zose.4Inyuma y’ivyo haza ijwi ry’ukwivuga kwayo,igaturagarisha ijwi ryayo ry’icubahiro.Iyo ijwi ryayo risamiranye,nta co yisigariza.5Imana ituragara mu buryo butangaje,igakora ibihambaye birengeye ubwenge bwacu.6Ibarira shelegi iti: ‘Gwa kw’isi,’imvura ikayibwira ati: ‘Segenyukira kw’isi.’7Iboha amaboko y’abantu,kugira ngo babone ibikorwa vy’amaboko yayo.8Ibikoko birihisha,bikanyegera mu myobo.9Ibihuhusi bituruka mu bumanuko,imbeho ikava ku muyaga wo mu buraruko.10Impwemu z’Imana zizana urubura,amazi y’ikidengeri agakomera nk’icuma.11Ibicu ivyuzuza ikime,ikabisanzaza birabagiza imiravyo.12Ikabizungurutsa impande zose uko ibishatse,bigakora ico ishatse ko bikora kw’isi cose.13Ni yo izana ibicu nk’igihano kuri bamwe,ku bandi bikababera umugisha.14Tega amatwi ibi, yewe Yobu.Hagarara wumvirize, utahure ibitangaza vy’Imana!15Mbega urazi ingene Imana igenzura ibicu,igatuma n’imiravyo yo ku bicu vyayo irasa?16Mbega urazi ingene ibicu biterwa inkingi bigahagarara?Urazi ivyo bikorwa bitangaje vy’ubwenge bwayo butunganye?17Urazi igituma impuzu zawe zisusuruka,iyo hatekereje kubera umuyaga wo mu bumanuko?18Mbega hari ico woyifasha iyo iriko iragaranzura ijuru,kandi rikomeye nk’icirore gikozwe mu butare bw’umwakaka?19Tubwire ico twoyibarira,kuko umwijima utubuza kugira amajambo atumbereye.20Mbega hari uworinda kuyibwira ko afise ico agomba kuyibwira?Hari uwokwipfuza kumirwa miyonzwa?21Nta woshobora guhanga amaso izuba,n’ukuntu kw’ijuru haba hakayangana,iyo umuyaga waheyuye.22Mu buraruko haturuka ubwiza bukayangana nk’inzahabu,Imana ikaza yambaye ubwiza butangaje.23Iyishoboravyose iri aho tutoshika, ishizwe hejuru mu bushobozi.Imanza zayo ziragororotse cane, ntiyigera iducinyiza.24Abantu bose barayubaha,kuko ntiyigera ishira umutima ku bigira abanyabwenge.”
Biblica, Inc.