Yobu39

1Mbega urazi igihe ingeregere zivyarirako imyagazi yazo?Uramaze kubona impongo ziriko ziravyara?2Urazi amezi zimara zihaka?Igihe co kuvyara cazo kigeze urabimenya?3Zirapfukama zikavyara imyagazi yazo,imibabaro yazo ikaba iraheze.4Imyagazi yazo ikurira mu gahinga,hanyuma igatandukana na ba nyina ubutakigaruka.
5Ni nde atuma indogoba iba inyeshamba?Ni nde abohora imigozi iba iyiboshe?6Ni jewe ndayishira mu gahinga,inzu zayo zikaba mu bugaragwa.7Yanka urwamo rwo mu gisagara,ntiyumva induru z’abatwara imikogote.8Mu mitumba ni ho irisha,ni ho itembera irondera icanya gitotahaye.
9Mbega inka y’inyeshamba woyigisha inama kugira ngo igukorere?Yokwemera kurara mu bwato bwawe?10Mbega woyishirako ingogo ngo irime?Yogukurikira igenda irakangaza mu ndimiro zawe?11Mbega wokwizigira inkomezi zayo?Mbega woyizeza ibikorwa vyawe ukaraba iyo wigira?12Mbega woyizeza kugutahanira ingano,ikazegeraniriza ku mbuga yawe?
13Inyoni yitwa otirishe igorora amababa yayo n’umunezero,ariko ntiyogereranywa n’amababa n’amoya vy’agasoza.14Ita amagi yayo kw’isi,akaronkera agasusuruko mu mukungugu,15Ntiyigera ihagarika umutima ngo ibirenge bizoyamena,canke ngo ibikoko vyo mw’ishamba bizoyahonyanga.16Ikarira imiswi yayo nk’aho atari iyayo,naho yoruhira ubusa, nta co biyitwara,17kuko Imana itayihaye ubwenge,canke ngo iyihe ugutahura.18Ariko iyo igoroye amababa yayo yiruka,yenurira ifarasi n’uwuyigenderako.
19Mbega ni wewe uha inkomezi ifarasi,izosi ryayo ukaryambika?20Ni wewe uyitarukisha nk’igihori,mu gupfuha n’ubwishime vyayo?21Ihonyangisha isi ibinono vyayo n’inkomezi,ikiterera imbere y’umwansi22Isuzugura ubwoba, nta co itinya.Ntihunga inkota.23Ibigwanisho vyose biyihurirako:ryaba icumu canke umwampi.24Isimbana inkomezi, ikamara imirambi.Ijwi ry’inzamba ntiriyihagarika.25Iyo inzamba ivuze, irabira.Imoterwa n’urugamba ikiri kure.Yumva akamo k’intwazangabo n’akaruru k’intambara.
26Mbega ubwenge bwawe ni bwo bugurukana agaca,kagasanza amababa kaja mu bumanuko?27Mbega ni wewe uha itegeko inkonango ziduge hejuru cane ku misozi kwarikayo?28Yibera ku bitandara, ikararaho,ibisate vy’amabuye bikayibera ibikingirizo.29Aho ni ho irerekera ico ifata,amaso yayo akakibona ari kure.30Ibiswi vyayo binywa amaraso,kuko aho hose umuvyimba uri ni ho iba iri.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e