Yobu36

1Elihu arabandanya ati:2“Subira unyihanganire gato ngusigurire,kuko ngifise ivyo kuvuga ku vyerekeye Imana.3Reka nguhe uturorero twinshiku kugororoka kw’Umuremyi wanje.4Ivyo nkubwira ni ukuri kugaragara,kuko jewe ndi i ruhande yawe mfise ubumenyi bukwiye.
5Imana ni Inyabushobozi, ariko ntisuzugura abantu,ni Inyabushobozi mu bwenge bwayo.6Ntiyirengagiza umunyakibi,kandi umukene imucira izibereye.7Inyonga zayo ntiziva ku bagororotsi;ibicarikana n’abami,ikabashira hejuru ibihe vyose.8Ariko iyo abantu baboshwe n’iminyororo,bakabohwa n’imigozi y’imibabaro,9Imana igaragaza ivyaha vyabo,ivyo bakoreye mu bwibone bwabo.10Ibazibura amatwi ngo batahure ivyo ibabwira,maze ikababurira ngo bave mu bibi.11Bayumviye bakayikorera,bazomara imisi yose basigaje kubaho baguwe neza,imyaka yabo izoba iyo guhimbarwa.12Ariko batayumviye,bazicwa n’inkota,bongere bicwe n’ubujuju.
13Abatubaha Imana babohwa n’ishavu,kandi iyo ibahanye, ntibanayambaza ngo ibatabare.14Bapfa bakiri bato,bakagwa hamwe n’abamaraya bo mu ngoro z’ibigirwamana15Ariko abababaye ibakirisha mu mibabaro yabo nyene,ikavuganira na bo mu mibabaro yabo.
16Imana iriko irakwiyegereza ngo igukure mu mibabaro,ngo igutware ahiyaguye mu mwidegemvyo,ngo ugubwe neza ku meza yawe iriko ivyokurya bitoranijwe.17Ariko noneho ufashwe n’urubanza rucirirwa abanyavyaha,urubanza n’ukuri biragutsinze.18Wirinde ntihagire uwugukwegesha ubutunzi,ntiwemere ko igiturire kiguhindukiza.19Mbega ubutunzi bwawe canke inkomezi zawe vyokuzigama,bikagukiza imibabaro?20Ntukipfuze ijoro,aho abantu baburirwa irengero mu ngo zabo.21Wirinde ntusubire mu bibi,kuko bisa nk’aho ari vyo wahisemwo kurusha imibabaro.
22Imana ishizwe hejuru mu bubasha bwayo.Ni nde yoba umwigisha kuyisumvya?23Ni nde yoyibwira ico ikora,canke ni nde yoyibwira ati: ‘Wakoze nabi?’24Ahubwo nushime ibikorwa vyayo vyiza,ivyo abantu bose bashimagiza mu ndirimbo.25Abaremwe bose barabibonye,abantu bose babirabira kure.26Raba Imana irahambaye, natwe ntidushobora kuyitahura!Imyaka yayo ntigira igitigiri.
27Yegeranya utuma tw’amazi,hanyuma ikaduhindura imvura.28Ibicu bisesa imvura,isinzi ry’abantu rigashikirwa.29Ni nde yotahura ingene ikwiragiza hose ibicu,n’uguturagara kwo kw’ijuru?30Raba ingene ikwiragiza imiravyo impande zayo zose,igapfuka i bwina h’ikiyaga.31Uko ni kwo iganje amahanga,ikayaha ivyokurya vy’umusesekara.32Ifata umuravyo mu ntoke,ikawutumbereza ku co yawugeneye.33Umuturagaro umenyekanisha ko ari ho iri,n’ibitungwa bikamenya ko yegereje.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e