Yobu35

1Maze Elihu arongera aravuga ati:2“Wibaza ko uri mu kuri,ko uvuga ngo ‘Ndi umugororotsi imbere y’Imana?’3Ariko urabaza uti: ‘Mbega vyomarira iki kugororoka,kandi vyomarira iki kubaho ntakora icaha?’
4Reka ndakwishure,nishure n’abagenzi bawe.5Rangamiza kw’ijuru,urabe ingene ibicu biri kure hejuru yawe.6Wibaza ko ukoze icaha hari ico vyoyigira?Ivyaha vyawe bibaye vyinshi, hari ico vyoyitwara?7Mbega uyigororokeye woba uyihaye iki?Yoronka iki mu biganza vyawe?8Haba na mba. Ivyaha vyawe vyonona abantu nka wewe nyene,kandi ubugororotsi bwawe bwofasha umwana w’umuntu gusa.
9Iyo agacinyizo kabaye kenshi, amarira aba menshi.Bataka barondera ububasha bw’umunyenkomezi.10Ariko nta n’umwe abaza ati: ‘Mbega Imana umuremyi wanje,yo impa indiririmbo mw’ijoro,11ikatwigisha gusumvya uko yigisha ibikoko vyose vyo kw’isi,ikatugira abanyabwenge gusumvya inyoni zo mu kirere, iri hehe?’12Iyo basemereye Imana ntibishure,biba vyatewe n’ukwishira hejuru kw’umunyakibi.13Mu vy’ukuri, Imana ntiyumva amasengesho agaragara,Iyishoboravyose ntibishirako umutima.14Mbega ntizorushiriza kutakwumva,ko uvuga ngo ntuyibona,ko uvuga ngo izi urubanza rwawe,ariko ikakurindiriza cane,15ukongera ukavuga ko uburake bw’Imana budahana,ko idashira umutima ku kibi.16Yobu yugururiye akanwa kuvuga amajambo y’imburakimazi,yagwije amajambo y’ubupfu.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e