Yobu34
1Elihu arongera avuga ati:2“Nimwumve amajambo yanje mwa banyabwenge mwe!Munyumvirize yemwe abafise ubumenyi.3Kuko ugutwi gutandukanya amajambo,nk’uko ururimi rwumviriza indya.4Reka turabe ikibereye twebwe nyene.Ingo twige iciza ico ari co.5Yobu avuga ati: ‘Ndi umugororotsi,Imana ni yo indenganya.6Naho ndi umugororotsi,ibona ko ndi umubeshi.Naho ata co nokwagirizwa,imyampi yayo intera ibisebe bidakira.’7Mbega ni nde yomera nka Yobu,agotomera ibitutsi nk’uwunywa amazi!8Agendera mu gihari c’inkozi z’ibibi,akifatanya n’abagabitanya.9Kuko yibwira ati: ‘Nta co bimarira umuntukugerageza kunezera Imana.’10None rero nimuntege amatwi, yemwe abafise ugutahura.Birazwi ko Imana idakora ivyaha,kandi ko Iyishoboravyose idakora ikibi.11Isubiriza umuntu mu nkoko ibikwiranye n’ivyo yakoze,ikishura umuntu ibihwanye n’ingeso ziwe.12Mu vy’ukuri Imana ntiyigera ikora ikibi,kandi Iyishoboravyose ntigoramika urubanza.13Ni nde yayiragije isi?Ni nde yayijeje ibiri kuri yo vyose?14Hamwe Imana yotwara impwemu yayo,igakuraho uguhumeka muri twebwe,15abari n’ubugingo bose bohonera rimwe,abantu bose bosubira mu mukungungu.16Nimba ufise ugutahura,niwumve ivyo mvuga.17Mbega uwanka guca izigororotse yoganza?Woshobora gucira urubanza uwugororotse ari na we Munyenkomezi?18Mbega si we abwira abami ati: ‘Muri imburakimazi,’akabwira abubahwa ati: ‘Muri inkozi z’ikibi.’19Igitinyiro c’abantu ntikimutera ubwoba,abatunzi ntabarutisha abakene,kuko bose baremwe n’ibiganza vyiwe.20Bapfa mu kanya isase, bakagenda mu gicugu.Abantu baranyiganyizwa hanyuma bagapfaabakomeye bagenda ata wubakozeko.21Amaso yayo ari ku vyo abantu bakora,akabona intambuko zabo zose.22Nta mwijima w’umuzitanya, canke igitutu gikomeyeinkozi z’ikibi zokwinyegezamwo amaso yayo.23Imana ntikeneye amatohoza adasanwe ku muntu,kugira ngo arenguke mu rubanza imbere yayo.24Irandura abahambaye ata we ibajije,hanyuma ikabasubiriza abandi,25Ibona ibikorwa vyabo vyose,kandi mu gicugu kimwe irabubika, ikabafyonyora.26Ibahanira ivyaha vyabo ku mugaragaro,aho abantu bose bababona.27Kuko bataye inzira bakebeje bakayiva inyuma,ntibaba bacitaho inzira zayo.28Batumye amarira y’aboro ashika imbere y’Imana,kuko ni Imana yumva amarira y’abakene.29Ariko hamwe yokwinumira, ni nde yoyiburanya?Inyegeje mu maso hayo ni nde yoyibona?Uko irengeye umuntu, ni ko irengeye ihanga.30Ikura abatayubaha ku ngoma,kugira ngo ntihagire abantu bagwa mu mitego yabo.31Hamwe umuntu yobwira Imana ati:‘Naracumuye, ariko sinzosubira.’32Canke ati: ‘Sinzi neza icaha nakoze;nimba nakoze ikintu kibi kinyereke sinze nsubire kugikora.’33Mbega Imana yoguha impera kubera ivyo vyiyumviro,mu gihe woba wanse kwihana?Nabe ari wewe wiyumvira,utubwire ico uzi.34Umuntu afise ugutahura,hamwe n’incabwenge bazonyumva, bavuge bati:35‘Yobu avuga ivyo atazi,amajambo yiwe ntagiramwo ubwenge.’36Yobu nageragezwe gushika kw’iherezo,kuko yishuye nk’abanyakibi.37Icaha ciwe acongerako ubugarariji,akomera muri twebwe amashi yo gucokorana,agwiza amajambo yo kugwanya Imana.”
Biblica, Inc.