Yobu30

1Ariko noneho abo naboneye izubani bo bariko baranshinyagurira,abo nakengerera ba se,ntobashize no mu mbwa zirarira ibitungwa vyanje.2Mbega inkomezi zabo hari ico zomariye,ko amaboko yabo yabaye goyigoyi.3Bazingamitswe n’ubukene n’inzara,baguguna imisozi igadutse,ahantu h’ubugaragwa, hatawe.4Ivyatsi vyo mw’ishamba ni vyo mboga zabo,imizi y’ibiti ikaba ivyokurya vyabo.5Baciwe mu bantu,barenganye bagahabwa akaruru nk’ibisuma.6Vyatumye bahindirwa ahahora haca inzuzi,mu masenga no mu binogo.7Babirira mu mashamba nk’ibikoko,bakarundanira hamwe musi y’ibiti8Ni abana b’ibipfu batoharurwa,birukanywe mu gihugu cabo.
9None abana babo ni bo bariko banshinyagurira mu ndirimbo zabo,nabaye iciro ry’umugani muri bo.10Baranzinutswe, banyigiwe kure,kandi ntibatinya no kuncira amate mu maso.11Ubu ko Uhoraho yabohoye umuheto wanje, akanyuzuza umubabaro,vyabananiye kwigumya imbere yanje.12I buryo imburakimazi zampagurukiye,batega imitego ibirenge vyanje.Barampagurukiye ngo bamfate.13Inzira yanje barayizibiye,bangwijijeko ivyago,kandi nta n’uwuri bubabuze.14Banteye bazananye mu kirengero kinini,banshikiriye baciye ku bihomoke.15Ibiteye ubwoba biransugereje;icubahiro canje gitwawe n’umuyaga.Ubutunzi bwanje bukamanganye nk’igipfungu.
16None ubuzima bwanje buriko buranshiramwo,ibihe vy’imibabaro vyancakiye.17Ijoro rimpekenya amagufa,uburibwe ntibunduhurira.18Mu nkomezi zayo, Imana yancakiye mu kanigo,imfata nk’uko impuzu ifata izosi19Yamvumbagaje mu vyondo,mpinduka nk’umukungugu n’umunyota.
20Ndagutakambira, ewe Mana yanje, ariko ntunyishura.Mpagarara imbere yawe, ariko ntunandaba.21Wambereye inkazi,ukuboko kwawe kw’inkomezi kurangwanya.22Ungurura mu muyaga,unyukaguriye mu nkubi y’umuyaga.23Ndazi neza ko uriko untwara mu rupfu,ari ho mw’ihuriro ry’abafise ubuzima bose.
24Ugira ngo iyo umuntu ariko aratemba ntiyaya amaboko?Canke amagorwa amuteye, ntatabaza?25Mbega jewe sinaririra abari mu vyago?Umutima wanje ntiwarirana n’aboro?26Ariko naba niteze iciza, ikibi akaba ari co citanganiza,nitega umuco, hakaza umwijima.27Umutima wanje uri mu ruhagarara, mbuze uburuhukiro.Ibihe vyo kubabazwa vyanshikiye.28Ngendera mu muzitanya, simbona izuba.Mpagarara mw’ikoraniro, ngatabaza.29Nabaye mwenewabo n’imbwebwe,ndi umugenzi w’ibihuna.30Uruhu rwanje ruriraburanirwa, rugashishagurika,umubiri wanje uturiwe n’inyonko.31Inanga yanje isigaye ari iyo gucura intimba,umwironge wanje na wo wahindutse ijwi ry’abarira.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e