Yobu29
Yobu yisigura Ubwa nyuma
1Maze Yobu abandanya avuga ati:2“Icompa ngasubira kuba nk’uko nari mbayeho mu mezi aheze,aho inyonga z’Imana zahora kuri jewe,3aho itara ryayo ryakira hejuru yanje,umuco wayo ukandongora mu gihe c’umwijima.4Icompa ngasubira muri ya misi nari nteye imbere,aho ubucuti nari mfitaniye n’Imana bwahezagira inzu yanje.5Ico gihe Iyishoboravyose yari ikiri kumwe nanje,kandi abana banje bari bankikuje.6Ico gihe inka zanje zakamwa menshi cane,kandi amato yanje yari asesekaye amavuta ya elayo.7Ngiye mu nama y’abatware b’igisagara,nicarana n’abubahwa kw’ihuriro,8abatware bakiri bato bakikuma, bakampa inzira,inararibonye zikanyakira zihagurutse.9Abaganwa bagahagarika inkuru zabo,bagashira ikiganza ku munwa.10Abatware b’abubahwa bagahaguruka bacereje,ururimi rwabo rukagobwa.11Abanyumva bose bamvuga neza,kandi abambona bose banshingira intahe,12kuko nafasha abakene n’impfuvyi,hamwe n’abatagira gitabara.13Nahezagirwa n’abacikana,imitima y’abapfakazi nkayuzuza indirimbo z’umunezero.14Nambara ukugororoka nk’umwambaro,ubutungane yari yo kanzu n’inkofero vyanje.15Nabera amaso impumyi,ibimuga nkabibera amaguru.16Nari se w’abakene,naburanira ba kavantara.17Navunagura imibangabanga y’ababisha,nkabambura abo bashinzeko amenyo.18Nahora nibaza nti: ‘Nzopfira mu nzu yanje,imisi yanje izongana n’umusenyi wo ku kiyaga.’19Nzoba meze nk’igiti gishorera imizi yaco mu mazi,ikime co mw’ijoro kigatonyangirira ku mashami yanje.20Ubwiza bwanje bukama bwiyubura,n’inkomezi zanje zikiyubura ku musi ku musi.21Abantu bose bantega amatwi bashaka kwumva ivyo mvuga,bakarindira impanuro zanje bacecetse.22Mpejeje kuvuga, nta wasubizayo,amajambo yanje yashika ku nyota abantu bose.23Banyitega nk’abitega imvura,bakipfuza ko novuga kurya abantu bipfuza ko imvura yogwa.24Ndabatwengeye vyarabarengera,kuko ukubakera mu maso kwanje kwari gufise ikimazi kuri bo.25Ni jewe nabereka inzira bakwiye gucamwo, nkababera umurongozi,nari meze nk’umwami ari hagati mu ngabo ziwe,nari kiremesha ku bafise imitima ibabaye.Biblica, Inc.