Yobu24

1Ni iki gituma Iyishoboravyose idashiraho igihe c’imanza?Mbega ni kuki abayubaha barindira ivyo bihe bakabibura?2Abantu bashingura akarimbi,bakaragira izo bivye,3bagasahura indogoba abakene n’impfuvyi.Agaka k’abapfakazi bagatwara nk’ingwati.4Bashiburira abakene inyuma y’inzira,aboro bo mu gihugu bakabahindira mu binyegero.5Aboro basigaye bameze nk’indogoba zo mu bugaragwa,birirwa barayerera barondera icobatunga.Baronderera mu bugaragwa ico bagaburira abana babo.6Batunzwe n’ivyatsi vyo mw’ishamba,begeranya udusigazwa two mu nzabibu z’abanyakibi.7Bagenda gusa, barara batipfutse,ntibagira ico bipfuka mu mbeho.8Imvura yo mu misozi ibahererako,bakumira ku bitandara vy’amabuye kubera kubura ubwihisho.9Impfuvyi zonkorwa kuri ba nyina,abana b’impfuvyi bagafatwako ingwati.10Bagenda gusa ku kubura ico bambara,bikorera imiganda y’ingano ariko bakicwa n’inzara.11Bakanya imyelayo mu ngo z’abatunzi, bakaganira imitobe mu mato,ariko bakicwa n’inyota.12Iminiho y’abacikana yumvikana mu gisagara,imitima yakomeretse ikaboroga itabaza.Ariko Imana nta n’umwe yagiriza ikibi.
13Abanyakibi banka umuco,bakirengagiza inzira zawo.Ntibazigera bazigumamwo.14Iyo bwije, umwicanyi arahaguruka,akica abakene n’aboro,mw’ijoro na ho agasahura nk’igisuma.15Umusambanyi yikinga agahumbezi,akibwira ati: ‘Nta n’umwe aza kumbona.’Yipfuka mu maso kugira ngo ntihagire uwumumenya.16Abasuma bamena amazu mw’ijoro,ku murango bakiyugarana bakaryama;nta ho bahurira n’umuco.17Umwijima w’umuzitanya ni co gitondo cabo,umwijima uteye ubwoba ni wo mugenzi wabo.
18Ariko bazoyonga nk’ifuro riyerera ku mazi.Amatongo yabo aravumwe,ntibagifata inzira ija mu nzabibu zabo.19Nk’uko uruzuba rutuma shelegi iyonga,ni ko imva inyakura abanyavyaha.20Inda zabavyaye zirabibagira,urunyo rukabagirako umusi mukuru.Abanyakibi ntibibukwa,bamera nk’igiti kivunwa n’igihuhusi.21Bifatira abagore b’ingumba,kandi ntibafasha abapfakazi.22Imana, mu bushobozi bwayo, ikuraho abahambaye;naho womenga baratewe baramera,nta kibemeza ko bafise ubuzima.23Ishobora kubareka bakidibamira nk’abafise umutekano,ariko burya iba ishinze ijisho inzira zabo.24Bashirwa hejuru akanya gato, mu kandi kanya bakaba barangiye;bacishwa bugufi, bakegeranirizwa hamwe nk’abandi,bagenywa nk’uwugenya ingano.
25Nimba atari uko biri, Nihagire uwumpinyuza,ahindure ubusa amajambo yanje.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e