Yobu25

Biludadi

1Maze Biludadi w’i Shuhi arishura ati:2“Inganji n’igitinyiro ni ivy’Imana,kandi ni yo itanga amategeko ahasumba amajuru.3Mbega inkomezi zayo zoharurwa?Umuco wayo ni nde utarasira?4None umuntu apfa, yogororoka gute imbere y’Imana?Uwavyawe n’umugore yoshobora ate gutungana?5Nimba mu nyonga zayo n’ukwezi kudakayangana,n’inyenyeri ntizibe zitunganye mu maso yayo,6mbega ntibirushirije ku muntu buntu, apfa akabora,ku mwana w’umuntu asanzwe ari nk’umusiba?”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e