Yobu23

Yobu

1Yobu aca yishura ati:2“No gushika uwu musi, amaborogo yanje aracari umururazi,ikiganza ciwe kirandemereye kurenza amaborogo yanje.3Ese iyo mba nashobora kumenya aho noyisanga,ese iyo mba noshika aho iba!4Ngashinga urubanza rwanje imbere yayo,akanwa kanje kagasesekara ukwiregura kwanje.5Kumbure nkumva ico yonyishura,nkiyumvira neza ku vyo imbariye.6Mbega yohangana nanje mu bubasha bwayo bukomeye?Haba na mba! Ahubwo yonyumviriza neza.7Kuko imbere yayo, umugororotsi arashobora kwiregura,kandi aho nobohorwa ibihe vyose imbere y’umucamanza wanje.
8Ariko ngiye mu buseruko sindayisangayo,naja mu burengero na ho nyenye sindayibone.9Iyo iriko ikorera mu buraruko, njayo sindayibone;nagaruka mu bumanuko na ho nyene sindayibona.10Ariko irazi inzira zanje,kandi niyamara kungerageza, nzosohoka meze bwa nzahabu.11Ibirenge vyanje vyagumye hafi y’intambuko zayo,kandi nagumye mu nzira zayo ntahengamiye i buryo canke i bubamfu.12Sinigeze nja kure y’ivyagezwe vyavuye mu kanwa kayo,ahubwo amajambo yayo nayabitse neza kurusha ivyokurya vya misi yose.
13Mbega ko ari yo Mana yonyene ifata ingingo, ni nde yoyihaririza?Ikora ico igomvye cose.14Ishira mu ngiro amabwirizwa yayo angwanya,kandi imigabo nk’iyo yipfuza kunshitsako ni myinshi.15Ni co gituma mpindira agashitsi imbere yayo.Iyo ndavyiyumviriye, ubwoba burantekera.16Imana ni yo idendebuye umutima wanje,Iyishoboravyose ni yo inciye ivutu.17Ariko sinzibwa akanwa n’umwijima,canke umuzitanya untwikiriye mu maso.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e