Yobu19
Yobu
1Yobu yishura ati:2“Mbega muzogeza ryari kumbabariza umutima,no kumvunaguza amajambo yanyu?3Ubu bubaye ubugira cumi munyagiriza,nta n’isoni mugira zo kunkorera ikibi.4Mbere naho noba naracumuye,ico caha kiraba jewe.5Nimba mushaka kunyiratako,mukantetereza kubera icaha canje,6mumenye ko Imana ari yo yangiriye nabi,yamfatiye mu mutego.7Ndatakamba mvuga nti: ‘Ndarenganywa!’ Ariko nta wunyumva;ndatabaza ariko nta wuncira urundenganura.8Yaranzibiriye inzira kugira ngo sindengane,inzira yanje yayizibije umwijima.9Yankuyeko icubahiro,anyambura urugori ku mutwe.10Yantabaguye impande zose gushika andangize,ivyizigiro vyanje yabiranduye nk’uwurandura igiti.11Uburake bwayo buranziriringiye,imparura mu bansi bayo.12Ingabo zayo zije aho ndi mu nkomezi.Ziranyugarije,zisagaje hirya no hino y’inzu yanje.13Abavukanyi banje yabagize abanyamahanga kuri jewe,abo twari tuzinanyi baranyihakanye.14Incuti zanje za hafi zaramvuyeko,abagenzi banje baranyibagiye.15Abo mpaye indaro hamwe n’abakobwa bakora mu nzu bamfata nka kavantara,bambona nk’umunyamahanga.16Umukozi wanje ndamuhamagara ntanyitabe,naho ndamwinginga n’akanwa kanje.17Impwemu zanje zinukira umugore wanje,umuryango wanje na wo ndawushisha.18N’abana bato barancokora.Iyo nserutse barantetereza.19Abagenzi banje bo ku mutima ndabashisha,abo nkunda banteye ibitugu.20Nsigaye ndi igikankara kiriko umubiri gusa,ni vyo vyonyene nsigaranye.21Nimungirire impuhwe bagenzi banje.Nimungirire impuhwe kuko ukuboko kw’Imana kwankubise.22Ni kubera iki mumpama nk’uko Imana iriko irampama?Mbega uko umubiri wanje umeze ntibihagije?23Ese amajambo yanje iyo aba yanditswe,akandikwa mu gitabu,24Ese iyo aba yandikishijwe ikaramu y’icuma kw’ibuye,agakorogoshorwa mu gitandara, akazokwamaho ibihe vyose.25Ariko jeho ubwanje ndazi ko umucunguzi wanje ari muzima,kandi ko impera n’imperuka azohagarara kw’isi.26Kandi ko naho umubiri wanje uzobora,nzobona Imana ndi mu mubiri.27Nzoyibonera jewe ubwanje.Ni ukuri nzoyibonera amaso mu yandi.Umutima wanje uruhijwe no kurindira ico gihe.28Iyo muvuze ngo: ‘Mbega twomuhiga gute?Ko umuzi w’ingorane ziwe uri muri we nyene,’29Ahubwo mweho ndababwira ko mugowe!Kuko mwikwegera inkota mu ngeso zanyu.Aho ni ho muzomenyera ko urubanza rubaho.”Biblica, Inc.